Uko wahagera

Burundi: Abasirikari b'Afurika Yibumbye Bongererewe Igihe - 2004-05-14


Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ryarafashe ingingo yo kwongereza amezi abiri ikiringo abasoda baryo baje gucungera amahoro bategerezwa kuguma mu Burundi. Ico kiringo congererejwe mu kurindira y'uko abasoda ba ONU barungikwa mu Burundi.

Tumenyeshe ko ikiringo c'ishirahamwe UA categerezwa kurangira kw'igenekerezo rya 2 Rusama muri uno mwaka. Mu cegeranyo cagizwe n'umunyamabangamukuru wa ONU ku wa 16 ntwarante, Koffi Anan yari yasavye y'uko mu Burundi horungikwa mu maguru masha abasoda bazoba baje gucungera amahoro mu Burundi.

Mu kwezi kwa gatatu ishirahamwe ry'ubumwe bwa afrika UA ni ryo ryari ryegeje inyuma ikiringo c'abasoda baryo gushika ku wa kabiri Rusama.

Abasoda ba ONU bategerezwa kurungikwa mu Burundi bagera hafi 5.650. Ingingo yo kwigiza inyuma ico kiringo yafashwe n'inama y'amahoro n'umutekano y'ishirahamwe UA , urwo rukaba ari urwego rushasha rw'iryo shirahamwe rwashinzwe hisunzwe urwego rwa ONU rujejwe amahoro n'umutekano kw'isi.Urwo rwego rushasha ruzotangura gukora icese ku wa 25 Rusama muri uno mwaka.

Twibutse y'uko abasoda ba UA bari mu Burundi bagera ku 2.700 bakaba baje bava mu bihugu vya Ethiopia, Mozambique na Afrika y'Epfo.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG