Uko wahagera

Burundi: CNDD za Nyangoma na Nkurunziza Zararwanye - 2004-05-11


Imirwi ibiri y'umuhari CNDD, uwa Pierre Nkurunziza n'uwa Leonard Nyangoma yaratanye mu mitwe i Sebeyi, muri komine Buyengero mu ntara ya Bururi. Amasasu atari make yari yaraye arumvikana mw'ijoro ryo ku wa mbere rishira uwa kabiri muri ako karere.

Izindi ngwano hagati y'iyo mirwi zarabaye ku musi wa gatandatu w'indwi iheze, ku musozi wa Rukoma muri iyo komine ya Buyengero.

Inkuru zia muri iyo komine zimenyesha ko muri iryo tana mu mitwe abarwanyi bane ari bo bahasize ubuzima, uwundi arakomereka.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG