Uko wahagera

Burundi: Abana Bahunguka Bakiranwa Ubwuzu - 2004-04-30


Abanyamugongomanga barasanganiye imiryango yari itahutse ivuye muri Commune Isale, inyuma y'imyaka 10 iheze baratandukanijwe n'ingwano.Utuvyino twaterwa n'abana tukitabirwa n'abavyeyi, amashi ari yose. Mu kuramukanya bongera barwana mu nda, abavyeyi basigaye ku misozi baritaho kumenya ingene amagara y'umurerwa atahutse yifashe, n'uko ata kandi kaa bungutse mu nyuma.

Urwaruka rutahunze urucibuka bagenzi barwo canke urwavutse mu ngwano rwaregereza imiduga ibazanye, rurwa mu nda abamaze kwururuka. Abana batahutse baraseruye umunezero w'uko bakiranywe igishika:

“Imyaka 8 yari iheze tutabonana, noshima ukuntu dusubiye kubonana, tukaramukanya nk'uko twahora turamukanya. Nkuye nko kuva aho twabonaniye ukuntu twaramukanije n'ubu nibaza ko ariko vyoguma. Batwakiriye neza nk'uko nyene twohora tubana.”

Iciyumviro co gusubira kubana cavutse biciye mu mahuriro nko mu masoko no mu mashengero, ari naho abo banyagihugu baremeshereza ibiyago. Imiryango yasigaye i Mugongomanga n'iyari yahungiye mw'isale yahavuye imenyesha mu ntwaro z'ayo ma komine abiri ishaka ryo gusubiza hamwe. Ugutahuka kwari nkenerwa kuko ubuzima bwo mw'ikambi bwarababaza cane cane abana. Nk'uko urunganwe rwabo rwo mw' iIsale ruvyemeza, bamana inzara k'ukutaronka imfungurwa zikwiye, n'imbeho ivuye k'ukutagira uburaro bukomeye. Ikigongwe ca bagenzi babo, catera urwo rwaruka ruri mu miryango kubafasha. Nadine Nduwimana yaragemurira indya mugenziwe bamenyaniye kw'ishure. Naho agahengwe mu bijanye n'umutekano gatumye izo mpuzi zitahuka, ingwano yohagarara burundu kuko abana bari mubagwa mu mporero. Augustin Nshimirimana yari yaje gusezera abagenzi bahungutse arabitubwira:

“Naho bagiye, ndazi ko intambara ikibandanya kubera hariho abagwanyi bakigwana bataremera guhagarika ingwano...Nk'aba FNL, je mbona ko bohagarika. Kenshi hariho nk'abana bafise ubuzima bubi nka bamwe bita ba “mayibobo” (abana bo mw'ibarabara) bagaca baja mu bagwanyi. Umwana ashobora kugenda agahura n'ingwano ikamuhitana, mwene wabo aca aguma agira inzigo, ati je ndaja kumwihora.”

Iyo miryango, izoshika yikora ku cayi yasize irimye mu gushishikara kubaho, kuko kitasivye. Inkuru twatohoje zemeza ko abasigaye ku misozi bagisoroma, ariko ari ukwongera bagikorera. Ku ruhande rwabo, ababanyi biyemeje kuyifasha mu kurindira yuko iyindi mirima yera, isanasane n'uburaro. Mariya Nyakigeme atahunze avuga ko azoha imfungurwa be n'indaro abana b'umuvyeyi bahorana.

Umwizero wo gufatwa mu mugongo n'abazimyamuriro, wabonekeye ku kubatwaza abana n'imfashanyo batekerewe n'abagiraneza, gushika ku muhana. Kuruhande rwa Reta, izofasha mw'isanurwa ry'uburaro mugutanga ibisakazo, mugihe iyo miryango izomenyesha ko ihejeje gusanasana ikigega. Umushikiranganji ajejwe gutahukana impunzi no gusubiza mu zabo abaziteshejwe, Francoise Ngendahayo yasavye abasigaye ku misozi guterera agacumu k'ubumwe bagenzi babo batahutse.

“Twashaka kubasaba dushimitse ko mwofatana mu nda nk'uko vyari kera, maze umwe wese aterere agacumu k'ubumwe ku vyoba vyarononekaye[...]Twashaka kubararika ngo mufashanye hagati yanyu kugira ejo nimwaduza impome z'inzu, Reta izoze yunganira, aho muzoba mushikije ikivi mu kubaha ibisakazo.”

Kugira urwaruka ntirusubire gucanamwo, inyigisho zifatiye ku gutatura amatati bidaciye mu nguvu, zirategekanijwe ku miyabaga itahutse n'iyitahunze. Reta hamwe n'amashirahamwe y'abagiraneza nka Search for Common Ground, bizozitunganya.

Uwo mutima wo guhuza abana usanzwe uriho mu bavyeyi. Ikimenyamenya, n'uko mu basigaye ku misozi hari abari baranyegeje abandi mu rwimo, nk'uko Berthe Hatungimana avyemeza. Ukwibagira ivyashitse no kutavyibutsa abarerwa, ni inyifato abatahutse bazogira. Izo mpande zose ziyemeje uguhanura abana babo kwubahana.Petronie Murekambanze azokwishimikiza ijambo ry'Imana yungukiye mu buhungiro, na we Mariya Nyakigeme ku kubigisha gusoneranira no guhana uwugize ikosa.

“Benshi tuvuyeyo twungutse ijambo ry'Imana. Iryo jambo ry'Imana twamaze kwunguka tuzoribigisha, kuko vyinshi bishingiye kw'ijambo ry'Imana, utamaze kwubaha Imana ntabwo ushobora kwubaha n'uwariwe wese , urumva rero n'ibindi bizoshoboka tubane dusangire akabisi agahiye.”

“Ibintu vy'indero y'abana birakomeye cane, ni vyo bigoye, hari ugushira ho igitigiri c'abantu bamaze imisi bavyigira, bashishikare batanga inyigisho bahawe kugirango abana basize batazinanye n'abandi bisonere bimwe bikwiye, tuvuge nka “surete” ihambaye...Hoba ubutegetsi bw'uguhana umwana yoba agize nabi, bimwe vyoca biba ivy'akarorero, niho n'abandi boca bagira indero nziza.”

Naho umwaka w'ishure wari ugeze hagati, iryo tahuka ntirizotuma umunyeshure aheba kwiga. Ubuyobozi bw'inyigisho i Mugongomanga bubwizwa kwakira umunyeshure wese atahutse, yaba uwahora mu mashure y'intango canke ayisumbuye kugera mu rugero rwa mbere. Kubera yuko igisata c'inderabigisha Normale atakiriho muri iyo Komine, uwari ageze mu rugero rwa kabiri “cycle superieur”, azoshishikara yiga mw'Isale, aho azosaba indaro akabandanya afashwa na Reta. Severin Bagorikunda, n'umuhanuzi wa Bulamatari mu vy'imibano mu ntara ya Bujumbura Rural, ari naho iyo Komine y'Isale ikukira.

“Ubuyobozi bw'indero mu ntara twarafadikanije turagira programme y'uko abahora muri “primaire” bazoca babandanya biga muri ayo mashure y'ino i Mugongomanga, hama abiga mu mashure yisumbuye nabo nk'abari kuva mu y'umwaka w'indwi gushika mu y'umwaka w'icumi na bo bazoronka ibibanza ino. Mugabo abo mu bindi bisata batari ino, dufate nka “normale”, twarumvikanye yuko bobo, bazoca basaba indaro hariya, tukabafashirizayo kugira babandanye biga, mugabo mu buruhuko bazoca bataha.”

Imiryango yifuza gusubira muzabo yobimenyesha mu ntwaro imbere y'igihe, ubushikirangaji bujejwe uwo mugambi bukitegura kubafasha.


Abategura Ejo Bite



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG