Uko wahagera

Burundi: Abarwanyi ba FROLINA Batangiye Kwegeranirizwa Hamwe - 2004-04-27


Umuhari FROLINA wahora urwana urongowe na Joseph Karumba waratanguye gushira mu kibanza kimwe abarwanyi bawo. Abashika ku 43 ni bo babanje kuba barajanywe ku musi wa gatandatu mu kibanza c'i Rangi, zone Kabonga, muri komine ya Nyanza- Lac, mu bumanuko. Abandi 200 na bo bari barindiriwe ku wa mbere.

Umuvugizi w'uyo muhari, akongera akaba n'umunyamabanga mukuru wawo, Venuste Cimpaye, amenyesha ko ico kibanza kizokwegeranirizwamwo abagera ku bihumbi bitatu. Venuste Cimpaye yemeza y'uko igitigiri c'abarwanyi umuhari FROLINA ufise bagera ku bihumbi icenda, ahanini bakazoza bavuye muri District ya Kigoma muri Tanzaniya. Yaramenyesheje ariko ko abandi bari mu Burundi mu ntara za Rumonge, Cibitoke na Cankuzo.

Umukuru w'uyo muhari Joseph Karumba ararindiriwe mu Burundi mu nyuma y'ico gikorwa co kwegeraniriza hamwe abarwanyi biwe, kikaba gitegekanijwe kurangira kw'igenekerezo rya 15 rusama.

Umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye yamenyesheje ko iyegeranirizwa hamwe ry'abahora ari abarwanyi mu Burundi riraje ishinga umuryango mpuzamakungu gusumba ukwo vyahora. Ico kikaba ari kimwe mu bikorwa bitegerezwa kurangurwa kugira ngo amatora yimirije ashobore kugenda neza.

Igihe yafata indege imujana muri Afrika y'Epfo kwitaba ibirori vyo kwimika president Thabo Mbeki, umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye yamenyesheje kandi y'uko umuhango umuryango mpuzamakungu wahaye Uburundi, hamwe n'vyiyemezo vy'abanyepolitique, bitanga umwizero w'uko amatora azotegekanywa mu mutekano kandi ku gihe.

Ikindi gikenewe ngo n'uko inama nshingamateka yokwemeza mu maguru masha ibwirizwa nshingiro ry'inyuma y'intwaro mfatakibanza, amategeko agenga amatora, hamwe n'ayagenga amakomine.

Mu rugendo ariko aragira muri Afrika y'Epfo president Ndayizeye azoronka akaryo ko kubonana na bagenzi biwe ku bijanye n'ibiganiro reta iriko iragiriranira n'umuhari Palipehutu-FNL, ishami rya Agathon Rwasa, ariko ibijanye n'ivyo biganiro bikazovugwa ido n'ido mu nama y'abakuru b'ibihugu vyo muri kano karere ku Burundi yimirije kw'igenekerezo ry'indwi rusama.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG