Uko wahagera

Ubutariyani Bwasoneye Uburundi Umwenda Wose - 2004-04-17


Bujumbura, ku wa 16 Ndamukiza

Reta y'Ubutariyano yaremeye ko igiye kuzoheba umwenda Uburundi bugifitiye. Iyo nkuru yamenyeshejwe mu gihe umukuru w'igihugu c'Uburundi Domitien Ndayizeye ari mu rugendo mu Butariyano.

Itangazo ryasohotse mu nyuma y'umubonano President Ndayizeye yagiriraniye n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Franco Frattini, ryemeza y'uko igihugu c'Ubutariyano kizofata mu mugongo Uburundi no mu gusubiramwo ibijanye n'umwenda bufitiye ibindi bihugu.

Umwenda igihugu c'Ubutariyano kizoheba bungana n'amafaranga agera ku miriyoni 85 z'amadollars.

Umushikiranganji Franco Frattini yaremeje kandi ko igihugu ciwe gishigikiye umugambi w'amahoro mu Burundi no muri Republika iharanira Democratie ya Congo, be no mu gutegura inama kaminuza y'amahoro mu karere k'ibiyaga binini izobera i Dar es Salaam muri munyonyo muri uno mwaka.

Igihigu c'Ubutariyeno kiri mu bihugu vya mbere bifasha Uburundi, kikaba giheruka guha Uburundi imiriyoni 5 z'amaeuros mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG