Uko wahagera

Burundi: Banki Y'isi Yemeye Amafaranga yo Gusubiza Abarwanaga m'Ubuzima Busanzwe - 2004-04-17


Bujumbura, ku wa 3 Ndamukiza (VOA)

Ibanki y'isi yose yaremeye guha Uburundi ingabire y'amahera agera ku miriyoni 33 z'amadollars y'Abanyamerika. Ayo mahera azoba agenewe gusubiza mu buzima busanzwe abahora barwana mu ntambara ihitiye mu Burundi.

Amasezerano ajanye no gutanga iyo mfashanyo yashizweko igikumu i Washinton hagati ya Ambassadeur Emmanuel Mbi ajejwe ibanki y'isi yose mu karere a Afrika yo mu Bumanuko, iyo hagati no mu karere k'ibiyaga binini, na Antoine Ntamobwa aserukira Uburundi muri Reta Zunze ubumwe za Amerika.

Abazofashwa bivuye kuri iyo ngabire bagera ku bihumbi 55.

Tumenyeshe y'uko ariko kugira ngo ayo mahera atangwe reta y'Uburundi itegerezwa kwerekana urwandiko rutomora ukugene iryo subizwa mu buzima bushasha rizogenda, ikongera igasohora itegeko ryo mu biro kwa president ryerekana uwahora ku rugamba uw'ari we, be n'itegeko nshikiranganji rifasha kumenya imikangara y'abacivils ihagarariye amahoro “jeunes gardiens de la paix”, hamwe n'abanywanyi b'imirwi irwana.

Muri ico kiringo kandi ideni ryaratanzwe, rikaba rizofasha mu ugusanura amabarabara makuru makuru ajana hagati mu gihugu, nk'ayava i Bujumbura aja mu Gatumba, i Bugarama, mu Rumonge, Kayanza, Jenda, Rugombo. Iryo deni rizofasha mu kwubaka amabarabara yononekaye rigera ku miriyoni 51, 17 z'amadollars y'abanyamerika.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG