Uko wahagera

Burundi: Abahoze muri CNDD-FDD Binjijwe mu Gipolisi - 2004-03-27


Bujumbura, ku wa 25 Ntwarante,

Ibiro bikuru vy'igipolisi c'Uburundi biherutse kwinjiza abahora barwanya reta bo mu muhari CNDD-FDD.

Amasezerano yabaye hagati ya reta n'umuhari CNDD-FDD ku wa 16 kigarama mu mwaka uheze, ategekanya y'uko uyo muhari uzokwinjizwa muri urwo rwego ku bice 35 %. Ayo masezerano aravuga kandi ishingwa ry'igisirikare kizokwinjizwamwo abahora barwana bo muri uyo muhari urongowe na Pierre Nkrunziza, ibiro bikuru vy'intwaramiheto birimwo bose bikaba bimaze amezi abiri bishinzwe.

Ibiro vy'igipolisi c'igihugu bishasha bigizwe n'abantu 24, abavuye mu muhari CNDD-FDD wa Pierre Nkurunziza bakaba bagera ku ndwi.

Tumenyeshe ko ikijendarume c'Uburundi muri kino gihe kirimwo abantu barenga hafi ibihumbi bitanu buke buke gitegerezwa kuzimanagana, igice kimwe c'abakigize kikazokwinjizwa mu gipolisi, ikindi mu gisirikare vy'igihugu.

Iyo ngingo yo kwinjiza mu biro bikuru vy'igipolisi abahora ari abarwanyi mu muhari CNDD-FDD yaraye ifashwe n'umukuru w'igihugu Domicien Ndayizeye mu gihe abanyamigambwe, bakoraniye mu nama yagirishijwe i Bujumbura na Jacob Zuma, umuhuza mu biganiro vyo guhagarika ingwano.Gushika ubu bakaba batashoboye kwumvikana ku kirangamisi kijanye n'amatora ategekanywa n'amasezerano y'i Arusha, ari nayo azoba asozera ikiringo c'intwaro mfatakibanza.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG