Uko wahagera

Burundi: Imfungwa z'Intambara Zatangiye Kurekurwa - 2004-03-03


Abarwanyi batatu ba CNDD-FDD, ishami rya Jean Bosco Ndayikengurukiye, bari baragizwe imbohe n'igisoda ca reta, bararekuwe ku musi wa kabiri. Ibirori vyo kurekura izo mbohe zo mu ngwano vyabereye ku kibuga c'inkino ca Bushaza, aho indege za Kajugujugu zibiri z'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika zari zururukiye.

Ivyo birori vyari vyategekanijwe na district y'ikigendarume co mu ntara ya Kirundo aho abaserukiye ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, hamwe n'abaserukira umuhari CNDD-FDD ishami rya Jean Bosco Ndayikengurukiye, bari bashikiye.

Abo barwanyi b'umuhari CNDD-FDD - Capitaine Protais Bavugire, Emmanuel Nibizi, na Sergent Samuel Nsavyimana bari bafatiwe muri mairie ya Bujumbura n'abasirikare ba reta muri Ntwarante, mu mwaka w'ibihumbi bibiri na kabiri. Muri Mukakaro muri uyo mwaka nyene baciye bajanwa muri brigade ya Mukenke, muri komine ya Bwambarangwe, intara ya Kirundo.

Ukwo gutanga imbohe zo mu ngwano kuje mu bikorwa vyo kwegeranya abahora ari abarwanyi vyatanguye haraheze amezi abiri nk'uko bimenyeshwa n'umuhari CNDD-FDD, ishami rya Jean Bosco Ndayikengurukiye.

Igikorwa bene ico kiramaze kuba i Kayange, i Bujumbura no mu Rumonge, aho abasoda bagera ku mirongo itatu b'umuhari CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza, bamaze kurekurwa.

Abo bahora ari abarwanyi batatu baciye bajanwa mu kibanza kigenewe kwegeranirizamwo abahora ari abarwanyi categekanijwe i Bukeha mu karere ka Nyanza-lac.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG