Uko wahagera

Abanyeshuri bo mu Burundi Bamaze Iminsi mu Myigaragambyo - 2004-02-07


Abanyeshure bo mu mashure yigenga ntibakurikirana neza ivyirwa n'aho abajejwe umutekano bagerageza kubakingira agasomborotso k'abo mu mashure ya reta.

Abanyeshure bo mu mashure yisumbuye ya reta bamaze imisi bagerageza kubuza gukurikira ivyirwa bagenzi babo bo mu mashure y'abigenga. Iyo ngendo yadutse mu nyuma y'aho batagishobora kwiga bivuye kuri yegereyegere y'abarimu babo imaze indwi zitatu itanguye.

Ku mashure amwe amwe y'abigenga abanyeshure bakurikirana ivyirwa ari uko babanje gukingirwa n'abajejwe umutekano. Abo nabo ico bakora ni ugushwiragiza abanyeshure bo mu mashure ya reta baba baje kubakura mu masomero bakoresheje iterabwoba.

Kw'ishure ryisumbuye ry'abigenga Ecole de l'Avenir riri hagati mu gisagara ca Bujumbura, abanyeshure ntivyakunze ko bakurikira ivyirwa kuko ata basirikare babacungereye bari bahari. Bahunze ariho bagitangura ivyirwa vyo mu gatondo amabuye bariko baraterwa n'anyeshure bo muri reta.

Abanyeshure bo muri reta twavuganye bemeza ko iryo terabwoba barigira kugira ngo berekane y'uko batanezerejwe n'iteba ry'itangura ry'amashure mu nyuma y'aho abarimu babo bagiriye muri yegereyegere. Bibaza ko abo mu bigenga bariko baratera imbere mu vyirwa nabo ataco bariko barunguka mu gihe bose bategerezwa kuzokora ibibazo bimwe vya reta mu mpera y' ibisata vy'imyaka y'amashure.

Gushika uno musi Reta ntirashobora kurangura ivyo yemereye abarimu bijanye cane cane n'iyongererezwa ry'amagarade yo mu kazi, no gukosora amakosa yagiye arakorwa mu bijanye n'agahembo kabo.

Jacqueline Segahungu

Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG