Uko wahagera

Burundi: Abantu 2 Biciwe muri Komini Rumonge - 2004-01-28


Abantu babiri baragandaguwe mw'ijoro ryo ku wa kabiri rishira uwa gatatu. Abanyagihugu bo ku musozi wa Gafumbe babonye ukwo ubwo bwicanyi bwagenze bemeza y'uko ababugize bari abantu batatu baje bambaye impuzu za gisirikare, umwe muri bo akaba yari yitwaje inkoho.

Abajejwe intwaro be n'umutekano muri komine ya Rumonge ntibashoboye kudomako urutoki y'uko abagize ubwicanyi boba bari mu murwi w'abahora barwanya reta canke ko bari abasirikare b'igihugu.

Ariko abategetsi bo hasi muri zone Buruhukiro, ari naho uwo mutumba wa Gafumbe uherereyemwo, bari bamaze kumenyesha mu manama bagira y'uko batewe umutima uhagaze n'amasasu yari amaze igihe yumvikanira i Mudende, muri komine Buyengero bihereranye. Bamwe muri bo baremeza y'uko ari ihanahana ry'amasase hagati y'abarwanyi ba CNDD ya Leonard Nyangoma n'aba CNDD-FDD ya Pierre Nkurunziza.

Tumenyeshe y'uko abagize igitero ku musozi wa Gafumbe mw'ijoro ryo ku wa kabiri baciye bafata inzira ija muri zone Gitsiro, muri Komine ya Vyanda, iyo baba bari baje bava.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG