Uko wahagera

Mu Burundi  Umutego Wahitanye Abasirikari 2 ba Reta - 2004-01-09


Abasoda 2 barishwe abandi 6 barakomereka mu mutego w'abantu bitwaje ibirwanisho mu Cibitoke.

Abasirikare ba reta 2 barishwe abandi 6 barakomereka ku wa kane mw'ibarabara riva i Bujumbura rija mu ntara ya Cibitoke, mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu. Abo basirikare bishwe mu gihe bariko baragenzura umutekano mu karere kari hagati ya Nyamitanga na Gihungwe.

Abaserukira intwaro, ari nabo bashikirije iyo nkuru, bemeza ko ico gitero cagizwe n'abantu b'umuhari FNL Palipehutu, ishami rya Agathon Rwasa. Ibarabara RN 5 riva i Bujumbura rija mu Rugombo, mu ntara ya Cibitoke, ryari ryugaye gushika ku musi wa kane ku mutaga.

Umutego bene uyo waheruka kuba mu mpera z'ukwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka w'2003 i Gihungwe. Abantu 4 nibo bahasize ubuzima, uwutwara abapolisi mu ntara ya Cibitoke arakomereka.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG