Uko wahagera

Burundi: Abasirikari 2 Bazize Imirwano muri Bujumbura Rural - 2004-01-08


Abasoda babiri barishwe uwundi umwe, be n'umucivil, barakomereka mu ngwano iriko irabera mu ntara ya Bujumbura rural hagati y'abasoda ba reta n'abarwanyi bo mu muhari FNL-Palipehutu. Inkuru ziva muri ako karere ka Bujumbura rural zemeza ko n'inzu zishika kuri cumi nazo nyene zaturiwe. Izo ngwano zatanguye kuva ku musi wa kabiri.

Umukuru w'intara ya Bujumbura Rural, Ignace Ntawembarira, atanga igitigiri c'abacivils bashika ku bihumbi umunani bataye izabo bakaja kurondera ubuhungiro mu misozi yo hafi. Igitigiri kitari gito c'abo bacivils bahungiye kuri Paroisse y'aba Catholika ya Buhonga, ku birometero 16 umuntu avuye i Bujumbura.

Izo ngwano zije zikurikirana n'iziriko zirabera mu bumanuko bw'igihugu kuva kw'igenekerezo rya gatatu Nzero hagati y'abasoda ba reta n'umuhari FNL Palipehutu.

Twibutse ko uwo muhari waheruka kumenyesha icese y'uko wemeye kuzogiriranira umubonano n'umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye mu nzira yo gutangura ibiganiro vyo guhagarika ingwano.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG