Uko wahagera

Inkumi mu Nkambi ya Lukole Zirakuramo Amada - 2003-12-26


Inkumi zo mw'inkambi y'impunzi ya Lukole zirakoroza inda z'ishushu, ku gutinya gutakaza agaciro, inyuma y'aho bahemukiwe n'abayibatwaje.

Ugutinya guta agaciro, bituma inkumi zikoroza inda z'ishushu. Uko ibintu bimeze, muri iyo kambi ya Lukole, n'uko kuva icibonekeza, umukobwa aca acika uruvugo mu runganwe, rukamunegura rwongera rumutwenga, kuko rufata ko yakoze ibiterasoni. Ukwirerana umwana wenyene, tutibagiye n'izindi ngorane bigendana, bishobora gutuma izonkumi zitakaza agaciro.

Mediatrice Nduwimana ni uMwigeme amaze gukorora inda:

“Igituma nafashe decision yo kuyikurayo, ubwa mbere ntabwo nari kuja i muhira mfise inda, ngo banyakire. Nahise nkoresha ibishoboka vyose, kugirango i muhira ntibanze kubimenya, nca ndayikuramwo batarabimenya, kubera n'aho bari kubimenya sinari kubagereraho, kandi nta handi nari kuja, kandi uwari yayinteye yari yanyihakanye. Kugira ngo ngende akana kandirirako, mu mugongo, ntafise uwo ndagashira, ntafise ivyo ndakambika, nahise mbona ko vyoba vyiza ndayikuyeyo.”

Mu miryango itari mike naho, abavyeyi ntibasabira ku ngorane, bene izo na cane cane iyo zishikiye umwana wabo bwite. Hari n'abafata ingingo zirengeje zo kubahana, nko kubomora mu rugo. Mu bijanye n'indero batanga, barabagabisha imbere y'igihe kugira ngo bazitire bataronerwa.

Imbere y'uko atwara inda y'ishushu, ngo yongere ayikorore, Evelyne Nshimirimana, iyindi nkumi iba mw'inkambi ya Lukole, yemeza ko se na nyina bari baramuraganiye kwirukanwa i muhira igihe yoyitwara.

Imisore imwe imwe iremanga ubwayo ko yihakanye, abakobwa yatwaje inda. Icibonekeza n'uko ata buryo ifise bwo kwibeshaho. Akageso ko kutigumya kavuye ku myaka y'ubuyabaga ni yo nsiguro yo kuguma barangurana amabanga y'abubatse n'abantu banyuranye kandi ata masezerano y'ukwubakana bafitaniye.

Imisore irimenyera bitumwe n'uko ubukozi bw'ikibi bene ubwo budahashwa mu makambi y'impunzi ya Lukole. Ico ikora ni uguhunga, umwanya mutoyi ku gutinya ishavu ry'abiwabo no mu kibano.

Abdalamani ni umuhungu yahemukiye abigeme yatwaje inda:

“Jewe urukundo nabakunda, nakundana n'umwe ndamutera inda, nkaca nigendera mu kijiji, bimaze kwibagirwa nkaca ngaruka, mu gihe vyibagiwe nkaca nkunda uwundi gutyo gutyo.”

Izo nkumi ntizitinya uruvugo rw'uko zoba zarakoroye inda. Igikuru kuri zo kikaba ko ata kimenyetso kiba kivyerekana muri uyo mwanya.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG