Uko wahagera

Mu Burundi Abaturage Ntibarizera Agahenge Neza - 2003-11-19


Abanyagihugu bafise umwizero urimwo amakenga kw'ihagarikwa ry'intamabara.

Abanyagihugu barafise umwizero uvanze n'amakenga mw'igaruka ry'amahoro n'umutekano mu gihugu. Ivyo babimenyesheje mu nyuma y'aho reta y'Uburundi ishiriye ibikumu ku masezerano burundu hamwe n'umuhari wahora uyirwanya wa CNDD-FDD ishami rya Pierre Nkurunziza. Kuri bamwe birakenewe y'uko ihagarikwa ry'ubwicanyi be n'itotezwa ry'ikiremwa muntu mu twiwe rihagarara.

Pasteur Bararunyerste aba ku nkengera z'igisagara, akaba atunzwe n'umwuga w'ubufundi bw'umuyagankuba :

“Nta woca asya bwose ibintu bitaraja mu buryo. Amakenga mfise, hariho ibice bimwe bimwe vy'intara zimwe zimwez'igihugu, usanga zigisinzikaye ugasanga hariho n'ubundi bubegito bukiri mu gihugu nk'ugutoteza umuntu ku dutungwa twiwe, ku dufungurwa twiwe aba yirimiye. Ivyo bihagaze jewe ku bwanje nibaza ko ibintu vyoba bigenze neza”

Ingwano imaze imyaka irenga kw'icumi yaragize ingaruka ku bijanye n'ubuzima bwa misi yose, harimwo n'imigenzo imwe imwe ijanye n'agatima ko gufashanya, nk'uko abo twabajije bavyemeza.

Ihagarikwa ry'ingwano riratanga icizero c'uko mu gihe ingwano izoba yahagaze, imitahe izoshobora gukoreshwa. Ubuzi buzoboneka mu gihe impunzi zizoba zatahutse, abadafise akazi basigaye mu gihugu nabo bazoca baboneraho. Ni wo mwizero wa Claudine Nduwamungu amaze imyaka itatu yaravuye mu kazi bivuye ku mvo z'ubutunzi:

“Imana yodufasha vyose bikaja imbere, twibaza y'uko n'ubuzi buzoboneka. Hariho benshi bazotahuka, ntibazoba baje kwicara. Nibaza ko bazorondera ubuzi bw'abo bandi bose, hanyuma n'abandi twicaye tuzoronka akazi.”

Abarundi bamwe bamwe twaganiriye biribonekeza ko bamaze kuruhishwa n'umuhari ukirwana wa FNL PALIPEHUTU utaremera inzira y'ibiganiro na reta. Ikiringo c'amezi 3 uyo muhari wahawe n'inama y'abakuru b'ibihugu vyo muri kano karere c'uko uzoba witavye ibiganiro ni kirekire ugereranije n'amabi amaze guterwa n'intamabara.

Sylvetre Manirakiza, aturuka mu Kayanza imwe mu ntara zasinzikajwe n'intamaba:

“Biracagoye, muri ayo mezi atatu, umenga ni menshi cane, kubera ibintu biguma bipfa.Twumva y'uko ayo mezi 3 atoshika hiyo,...gutyo tukabona kuronka amahoro.”

Ahandi naho bavuga y'uko bikenewe ko reta yumviriza ibisabwa n'umuhari FNL PALIPEHUTU, ivyo navyo bikaba kuri bamwe ari ibijanye n'isabikanywa ry'ubutegetsi. Kuri bo, ugukoresha ibirwanisho bishobora kudashika ku nyishu nziza, bagasaba y'uko icoshirwa imbere ari ibiganiro nk'uko vyagenze ku yindi mihari yaraye yemeye gushira ibirwanisho hasi:

“Barya nyene, nibaza ko nabo nyene bazohindura, kuko n'abasinye, ntavyo bari baragize ubwa mbere. No ku bandi hakenewe umwizero. Bashishikare kubumvisha. Kubafatira ibihano, barashobora kubibafatira nabo bagafata ibindi ukundi.”

Tumenyeshe ko umuhari FNL-PALIPEHUTU uguma usaba kuganira n'abatutsi.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG