Uko wahagera

Mu Burundi Imitego ya Mines Yibasira Abana Kurusha Abakuru - 2003-11-19


Imitego mines anti-personnelles iterwa mu bihe vy'ingwano ihitana cane cane abana. Itohozwa ryagizwe n'umugambi w'igihugu ujejwe kurwanya iyo mitego mu ntara 5 z'igihugu ryerekana y'uko ku bantu 44 baciweko na mines anti-personnelles mu kwezi kw'umunani kw'uno mwaka, 36 bari abana.

Nk'uko inkuru zitandukanye zidushikira zibivuga, abana iyo baja kw'ishure baca mu tuyira iyo mitego ibayatezwemwo n'abarwanyi mu gihe bagerageza kwikingira uwo bahanganye. Ayo masanganya arashika nko mu ruja n'uruza rw'abana hafi y'ibirindiro vy'abashamiranye, kuko kenshi biba bikikijwe na za mines anti-personnel. Abana bacitse ibimuga bivuye kuri za mines barabitubwira:

“Muri irya ntamabara yo mu Kanyosha ( Bujumbura-rural ) nariko ndiruka turiko duhungira kw'iposition y'abasoda, kuri brigade, hanyuma mine bari bateze nca ndayicako.”

“Mu Rukaramu (Bujumbura-rural, commune Mutimbuzi) wasanga bateze mu murima, ukaza wumva kiragukubise utabizi. Zakubise benshi. Ntushobora kumenya ngo bagiteze ngaha...”

Umwana aragira ububabare bw'umurengera kuko uyo mutego uturikira hafi yiwe. Arashobora kuvirirana mbere n'imiringoti itwara amaraso ntihute yiyugara ubwo nyene.

Uyo mutego urahitana ibihimba vy'umubiri, umwana agacika nk'amaguru canke amaboko, canke ivyo bihimba vy'umubiri bigacika vyose. Arabagwa akatari gake, nk'iyo igihimba c'umubiri bidakunda ko abaganga bacunga, canke iyo ategerezwa kwambikwa ukuguru kw'igiti canke icuma, ari co prothaise mu rurimi rw'igifaransa.

Umubiri canke igufa birashobora kwama biriko biraringanizwa ku rugero rwa prothese umwana ategerezwa kwamabara nk'iyo vyashitse akavyibuha canke igufa rigakura.

N'aho igikomere gikira uwahuye na mine anti personnel aguma yumva ububabare ahahora igihimba cacitse. Ivyo nk'uko abahinga babivuga bigaterwa n'uko ubwonko butaba buribagira imitsi nsozabwenge yahora ijana muri ico gihimba cacitse.

Mu Burundi nta buryo buraboneka bwo kugabanya ububabare bw'umurengera. Stephane Lobdjois aserukira ishirahamwe Handicap International mu Burundi, avuga y'uko ugukurikirana abantu mu bijanye n'inyifato ari igikorwa cihutirwa. Yemeza kandi ko bikenewe y'uko haboneka abahinga banonosoye ibijanye n'inyifato, kuko isanganya rishikira uwahuye na mine anti-personnel rihindura n'intumbero y'ubuzima bwiwe bwose.

Inguvu n'urwamo rw'umurengera mw'iturika ry'uyo mutego bituma umuntu yadukana ubundi bumuga. Aha twovuga nko guhuma, canke ugucika ikitumva.

Uwahuye n'umutego agacika ikimuga ntaba acishoboza imirimo imwe imwe ihambaye yahora arangura. Abana baraheba inkino zahora zibahuza n'abandi, nk'ugukina umupira, ugusiganwa n'ibindi. Ku bana b'impfuvyi baca batungwa no gusegerereza ku mabarabara iyo badafise uwuca abafata mu mugongo. Mu gihe abavyeyi nabo ari bakene, bama mu ruja n'uruza rwo gusaba imfashanyo mu bigo vyitaho ibimuga aho ivyo bishoboka.

Ku bana baguma mu bigo, baragira inkumbu zo gusubira kubonana n'abo bahora babana. Richard Manirakiza, arerewe mu kigo Saint Kizito, mu gisagara ca Bujumbura, aratudondagurira abo akumbuye:

“...Umwe yitwa Suavis. Uwundi yitwa Kara, n'uwundi yitwa Line...Baraje kundaba, twaranarwanye mu nda, nca ndyoherwa. Barangemuriye utwokurya...”

Ikigo Saint Kizito kirahuza abana bava mu mihingo yose y'igihugu. Bagishikayo, baratangazwa n'ukubona ko ingorane bafise batazisangije.

Mu misi ya mbere umuntu yambara ukuguru kw'igiti canke icuma aragira impungenge. Igikorwa c'abajejwe ico kigo ni ukubamenyereza. Ukumenyera prothese biva ku myaka umuntu acikiyeko ikimuga.

Abana bamenyera ningoga gusumba abantu bakuze. Abana bamaze igihe bazikoresha, baratubwiye akarusho baharonkeye. Jean Baptiste Muhitira afise imyaka icumi n' indwi arabitubwira:

“Ndi imuhira nditemberera, ...kugenda wambaye prothaise bisumba uwutayifise. Kuko uhuye n'umuntu atazi ko umugaye, wambaye prothaise ukishirirako i pantalon, nta muntu abimenya.”

Inama Nshingamteka y'Uburundi iherutse kwemeza ishirwa mu ngiro ryamasezerano y'i Ottawa, yerekeye ukurwanya imitego mines-antipersonnelles. Umugambi wagizwe na reta ifadikanije n'ishami ry'ishirahamwe ONU ryitaho abana kw'isi, waratanguye mu ntara zimwe zimwe z'igihugu. Ugamije cane cane uguhimiriza abanyagihugu kugira ngo bamenye iyo mitego aho bagendera, amasanganya atarabashikira. Abarongoye uyo mugambi basaba kandi y'uko boca babimenyesha ubutegetsi bubegereye.

Kugira ngo iyo mitego ishobore guhera mu gihugu hakenewe y'uko abarwanyi berekana aho yoba iri hose nk'uko tubimenyeshwa na Colonel Antoine Nimbesha, atwara uyo mugambi:

“Ngira ngo mu misi iriko iraza tuzoshobora kwizigira ko bizoba. Mu gihe batakirwana bazobona ko ata kamaro ko gusubira gutega. Aho bizoba vyashitse tuzosaba berekane neza aho biherereye, hanyuma natwe twige umugambi wo kugira ngo tubikureho.”

Intara uyo mugambi watanguye gukoreramwo, ni Bubanza, Cibitoke, Bujumbura-rural, Cibitoke, Makamba, Rutana, na Ruyigi, kuko zifatwa y'uko ari zo zasinzikajwe n'ingwano.

Uburyo bukoreshwa mu gutegura mines anti-personnelles ni umurengera ugereranije n'ubukoreshwa mu kuzitega nk'uko tubimenyeshwa na Colonel Antoine Nimbesha.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG