Uko wahagera

Burundi: Urugendo rwa Jacob Zuma i Bujumbura ngo Ntirusanzwe - 2003-11-10


Icegera c'umukuru w'igihugu ca Afrika y'epfo Jacob Zuma yaramenyesheje ku musi wa gatanu y'uko urugendo agize i Bujumbura rutameze nk'izindi yari amaze kugagira. Uyo muhuza mu biganiro bigamije guhagarika intambara mu Burundi yaje ari kumwe n'umunyamabanga w'umuhari CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza, Hussein Radjab. Ku bwa Jacob Zuma, ico ni ikimenyetso c'uko amahoro ariko arashika.

Jacob Zuma yakiriwe ku kibuga c'indege n'icegera c'umukuru w'igihugu, Alphonse Marie Kadege.

Tubibutse y'uko uruhande rw’uyo muhari CNDD-FDD hamwe na reta bemeranije y'uko mu ndwi 3, bazoshobora gushira mu ngiro amasezerano bamaze gushikako, aha cane cane kukaba ari ukwinjira mu nzego zirongoye igihugu.

Iryo shirwa mu ngiro rizojana n'ukwagurira reta abandi bashikiranganji baje bava mu muhari CNDD-FDD. Iryo hinduka rizoba no mu nama nshingamateka, hamwe no mu rwego rujejwe gucungera amahoro n'umutekano, aho umuhari CNDD-FDD uzotwara ikibanza c'icegera c'umukuru w'ibiro bikuru vy'intwaramiheto.

Icegera c'umukuru w'igihugu ca Afrika y'epho yarashoboye kugendera inteko z'abasirikare baje gucungera ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y'amahoro, ku bw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika UA. Intumwa z'umuhari CNDD-FDD nazo zarabonanye n'abaserukira iryo shirahamwe hano i Bujumbura.

Umunyamabanga w'umuhari CNDD-FDD, Hussein Radjabu, yaramenyesheje icese y'uko ari n'icizero c'uko amahoro agiye kuzoboneka mu Burundi, yongera atera akamo k'uko umuhari FNL Palipehutu wa Agathon Rwasa nawo nyene wokwemera ukitaba biganiro.

Ku bijanye n'uyo muhari Vice -President Jacob Zuma yaramenyesheje icese y'uko bazoshishikara kuvugananawo kugira ngo uzohave wemera kuganira na reta y'Uburundi.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG