Uko wahagera

Burundi: Inama ya 23 y'Ishirahamwe ACCT Yarakoranye i Bujumbura. - 2003-11-04


Inama nshingwabikorwa y'abakuru mu bijanye no kugenzura uruja n'uruza mu muhora uri mu buraruko bw'Uburundi (corridor nord) yaratanguye kuri uyu wa mbere i Bujumbura. Iyo nama ikoranije abatari bake baje bava mu bihugu vya Kenya Ouganda, RD ya Kongo, Rwanda, n'uBurundi.

Iyo nama itegekanya kwihweza cane cane ibibazo bijanye na douanes n'ukworoherezwa mu bijanye n'ububiko bwayo, uguteza imbere inyubakwa za douanes, ugutegekanya imigambi yerekeye ugutwara abantu n'ibintu. Bazokwihweza kandi n'ibazo bijanye n'abakozi baraba ivya douanes hamwe n'icegeranyo c'abajejwe gukurikirana ukugene amahera akoreshwa.

Mu bibazo bituma uyo muhora udakora neza, harimwo ugutegekanya abaherekeza ibidandazwa mu nzira yo kubikingira impanuka zijanye n'umutekano, amahera asabwa imbere y'uko ibidandazwa bijabutswa hakoreshejwe gari ya moshi, N’ibikorwa bijana n'ukugene bakurikirana ibisohoka n'ivyinjira ku mbibe.

Mu misi 3 iyo nama izomara abayitavye bazokongera barabe urutonde rw'ibizorangurwa n'amahera azokoreshwa mu mwaka uza w'2004.

Tumenyeshe ko abaserukira ishirahamwe COMESA (isoko rusangi mu bihugu vyo muri Afrika yo mu bumanuko) ariho bari.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG