Uko wahagera

Burundi: Club Stop SIDA Zihugura Urubyiruko mu Mashuri - 2003-10-30


Ubumenyi buke mu bijanye n'ingwara ya sida bwatumye abana bo kw'ishure ryisumbuye ryo mu Kinama bafadikanije n'umuyobozi wabo batanguza club “stopsida”.

Abakiri bato bo mu Kinama baha ikibanza gitoyi ikiza c'ingwara ya sida, ugereranije n'inkino canke ibindi bibazo biberekeye. Denis Nishirimbere, ni umuyobozi w'ishure ryisumbuye ry'aho aratwiganira ido n'ido aho ubumenyi bwabo bugeza:

“Dufate nko ngaha mu Kinama, ibintu vya sida...abantu benshi bibaza ngo barazi ibintu vya sida. Mugabo ubundi uriko urabigisha, ukababwira ukuntu yandukira, ukabaha ibiharuro, ukuntu abamaze kwandura bangana, ugahera kw'isi yose, ugaca uja muri Afrika, ugaca uja ngaha mu Burundi, uca ubona ko batangura rero kwiyumvira ic'ari co.”

Mu ntumbero yo gutahura ivy'ingwara ya sida, abanyeshure bo muri iyo zone barakurikirana inyigisho zayo. Nk'uko babitubwiye, ivyo barondera kumenya, ni ingene yandurwa, uburyo bwo kuyirinda, ukudakumira uwumaze kuyandura n'ibindi. Bisubiye, barashaka gutegura kazoza kabo badaciriwemwo n'ikiza mwen'ico.

Anne Marie Minani na Eddy Irambona baratwiganira ibibakwega:

“Nashaka kumenya par exemple, ingene nshobora kwifata ndi mu bandi bagenzi. Kumenya ingene sida ishobora kwandukira umuntu.Twebwe benshi mu ba jeunes, dukoresha ijisho, mu kumenya ko umuntu arwaye sida. Maze kuja mu bandi, nca ndabimenya ukugene biri, ukugene babitwigishije.”

“Nashatse kumenya gusa uko nkwiye kwikingira, nanje mu buto bwanje, kuko nkwiye kwikingira iyo ngwara. Kuko twasanze ari ingwara nyinshi, ntabwo ari sida gusa, mugabo twasanze ari ingwara nyinshi zifatira mu bihimba vy'irondoka, niho nashaka ndabimenye, kuko nanje nkwiye kwikingira iyo ngwara.”

Muri iryo shure ryisumbuye, ryo mu Kinama, inyigisho za sida zirahabwa ikibanza kinini umuntu agereranije n'ibindi vyirwa. Zigishwa amasaha yababa atandatu mu ndwi. N'ukuvuga mu cirwa co gukundisha igihugu; Civisme, hamwe no muri club “stopsida”.

Umwarimu yisunga iciyumviro nyamukuru aba yatoye ku musi. Uburyo nabwo yibanda ni ukubabwiza ukuri. Mu gushimangira ivyo baba bize, abanywanyi ba club baritaba amanama nkarishabwenge ariyo seminaire mu rurimi rw'igifaransa. Utubazo bakora dutuma ba nyene kuyagirisha bahinyuza ko batahuye kandi bashobora kwigisha abandi. Abana barashima ko baronka akaryo ko kubaza mu mwidegemvyo.

Anne Marie Minani yemeza ko muri club bahanahana ivyiyumviro :

“Twe igituma dutora kuja mu ma club “stopsida”, n'uko, ushaka n'ibibazo bigishije ari vyinshi, utategereye, ugaca ubaza ikibazo, kugira ngo ugitegere neza. Mu maradiyo..ego barigisha vyinshi, ivyerekeye izo ngwara, mugabo rero ugasanga nta buryo woronka kugira ngo ubaze ibibazo, bibashikire ningoga, uce ubimenya.”

N'aho biri uko, abo bana bakiri bato, bagumana na none ibibazo bibadidanira. Ntibatahura ukugene umwana yokingirwa akiri mu nda kwa nyina mu gihe uyo nawe agendana umugera wa sida. Ikindi naco ni amakenga ajanye n'ubushobozi bw'agafuko mu gukingira umuntu.

Chantal Nahitegetse nawe nyene aradushikiriza ibibazo vyiwe:

“Ivy'agafuko sindavyemera cent pour cent. Umuhungu apfuye kugahitana ngaho..., ntaravye y'uko... ugasanga karashaje, kamaze imisi myinshi ngaho, ugasanga naho nyene birateye ingorane. Ntikaba kagikora neza, ugasanga karatobaguritse, gafise ubutoborotoboro ugasanga ahoreroaho rero ingwara irashobora kwinjira mu muntu.”

Akarusho gafatiyekuri izo nyigisho, karamaze kwibonekeza kuri abo banyeshure. Uko ibintu imeze, baratinyuka kwipimisha umugera wa sida. Simplice Masabo yigiriye inama yo kuzokwisuzumisha n'umwigeme bakundana, imbere y'uko bubaka urwabo.

Urwo rwaruka rwiyemeje kudakumira uwumaze gusinzikazwa n'ingwara ya sida. Ubumenyi abo bakiri bato baronse, butuma bashobora kwigisha urundi runganwe. Marie Irakoze, yemeza y'uko yahamenyeye ibitari bike:

”Twaramenye ukuntu umuntu ashobora kwandura sida canke ingene yokwifata mu gihe yamaze kwandura, n'ingene yofata n'uwamaze kwandura nyene. Naramenye kandi y'uko iyo umuntu yamaze kwandura, ingene yokwiyegereza abo barwanyi, kugira ngo ntibihebure.”

Ubwinshi bw'abakiri bato bakurikirana inyigisho za sida, bwatumye umwarimu abacamwo imirwi ibiri. Abana batari bake barahevye amakoraniro bahora bagira ajanye no kurwanya ico kiza ku mashure iwabo, bemera gutonda kuri iryo ryo mu Kinama.

Kubera y'uko urwo rwaruka rumaze kunyurwa n'inyigisho rwahawe, rurakwega urundi runganwe babana muri karitiye iwabo, canke bama bahurira ku ma “ligala”. Mu bihe vya mbere biragorana kugira ngo babumvishe ivy'ingwara ya sida., ariko bagateba bakanyurwa. Jerome Gatereste arabitwiganira:

“Uca ubabwira uti: “jewe nimumperekeze ahanaka...ntibakubaza ico ugiye gukora, bo ubabwira gusa, je murakibona... Babonye nk'ubu jewe nje ngaha muri club, nkinjira bariko baratwigisha.H arya bagumye ku madirisha, bakumva ko bifise akamaro. Mu nyuma ugaca usanga arakubwiye : umusi munaka uzosubirayo tuzojana.”

Ubukene bw'ibikoresho butuma icirwa c'ingwara ya sida kidashimangirwa nk'uko vyari bitegekanijwe.


Abategura Ejo Bite



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG