Uko wahagera

Amateka ya Ejo Bite - Youth Show - 2003-10-28


Youth Program - Ejo Bite: Genesis and Achievements

Ikiganiro c’urwaruka ca Service y’Ikirundi n’Ikinyarwanda kw’iradiyo ijwi rya Amerika catanguye kw’itariki ya mbere z’ukwezi kwa kabiri mu mwaka w’ibihumbi bibiri na gatatu, gushik’ubu kikaba kibandanya kunezereza urwaruka n’abandi bagikurikira.

Mu kwezi kw’icenda mu mwaka w’ibihumbi bibiri na kabiri niho ibiro vya departement ya reta ya Amerika bijejwe uruja n’uruza rw’ abantu n’ impunzi ( US Department Bureau of Population, Refugees and Migration “PMR”) vyaja hamwe n’iradiyo Ijwi rya Amerika ( Voice of America “VOA” ) bisezerana ko iradiyo Ijwi rya Amerika izoza iratangaza ikiganiro c’urwaruka gitegurwa kandi gishikirizwa n’urwaruka rwo muri Afrika yo hagati.

Mur’ ico kiganiro c’urwaruka citwa “ Ejo bite? “ abana barahabwa ijambo, bagashikiriza ivyiyumviro vyabo hamwe n’ibibaraje ishinga. Ico kiganiro gishimikira cane cane ku buzima bw’abana bari mu buhungiro canke bataye izabo bivuye ku zindi mvo.

Iki kiganiro c’urwaruka kigizwe n’inkuru zitegugwa n’abana bo mu Burundi no mu Rwanda. Mur’ izo nkuru, abo bana bashimikira cane cane ku bibazo vy’abana b’impunzi, eka n’iz’abandi bana muri rusange.

Vyongeye, mur’ ico kiganiro harimwo n’igice c’igikino ( inkinamico ) gitegurwa n’imigwi ibiri y’abakinyi, Silas Mbonimana wo mu Rwanda na Michelange Nzojibwami wo mu Burundi. Mur’ ico gikino ( inkinamico ), ibibazo bishimikigwako naho nyene n’ivyerekeye ubuzima bw’abana b’impunzi n’abataye ingo zabo.

Departement ya reta ya Amerika hamwe n’iradiyo Ijwi rya Amerika vyafashe ingingo yo gushiraho ico kiganiro c’urwaruka, gitegurwa kandi kigashikirizwa n’urwaruka, mu ntumbero yo guha akizero abana bari bari mu buhingiro, kubahumuriza, kubigisha kurekuriranira no gusubiza hamwe n’ abandi batavuga rumwe, no kubaha izindi nyigisho ku bibazo bitandukanye, kubera abo bana usanga badafise uburyo bwo kuzironka mu makambi y'impunzi n’ahandi baba barahungiye.

Iki kiganiro c’urwaruka ca Service y’Ikirundi n'Ikinyarwanda gica kw’iradiyo Ijwi rya Amerika ku misi ya gatandatu, kw’ isaha cumi n’imwe n’iminuta mirong’itatu n’ibiri mu gitondo.

Abategura inkuru zigize iki kiganiro ni Yvette Umugwaneza, Olivier Isata bo mu Rwanda, hamwe na Gentille Ntibagirigwa na Jean-Baptiste Nimubona bo mu Burundi.

Abajejwe gutegura no gushira hamwe iki kiganiro cose, ni Lucie Umukundwa ari i Kigali, Jacqueline Segahungu ari i Bujumbura na Marie-Claire Sissoko ari i Washington D.C.

Ibiganiro bya Ejo bite hano i Washington D.C. biba birongowe na Auriane Ntahomvukiye na Joyeuse Akanyana.



Garuka ku makuru y'urubyiruko.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG