Uko wahagera

Burundi: CNDD Irashinja Guverinoma Kurenga ku Gahenge - 2003-10-28


Umuhari CNDD-FDD ishami rya Pierre Nkurunziza uragiriza reta y'Uburundi y'uko yarenze ku masezerano yo guhagarika ingwano mu gutera ibirindiro vy'abarwanyi bawo.

Umuhari CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza, uragiriza reta y 'Uburundi y'uko ica ku masezerano ajanye no kuba irahagaritse intambara.

Umuhari CNDD-FDD warasohoye itangazo mu nyuma y'aho abarwanyi bawo baterewe n'abasoda ba reta mu bice binyuranye vy'igihugu kw'igenekerezo rya 24 muri uku kwezi.

Umuvugizi wawo Gelaze Daniel Ndabirabe yemeje icese muri iryo itangazo ryasohotse ku musi wa kabiri y'uko igisirikare giheruka kugira ibitero bikomeye vy'ahari ibirindiro vyawo mu bice vy'intara za Mwaro, ku misozi ya Magamba na Gitaramuka, muri komine ya Nyabihanga, i Gitega ku musozi wa Gasenyi muri komine ya Gishubi, Gacaca na Nyarutoke muri komine ya Gitega na mu Ruyigi, ku musozi wa Nyarusange, muri komine Gisuru.

Ukwo kwagirizanya ukurenga ku masezerano gusubiriye mu nyuma y'aho mu misi iheze impande zose zari zemeje ko agahengwe kabonetse kuva aho zishiriye ibikumu ku masezerano yo guhagarika ingwano ku wa 8 Gitugutu.

Twibutse ko intumwa za reta n'iza CNDD-FDD ishami rya Pierre Nkurunziza zategerezwa guhurira i Dar Es Salaam muri Tanzaniya ku musi wa mbere kugira ngo ziheraheze ibibazo bisigaye imbere y'uko inama y'abakuru b'ibihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini isubira gukorana.

I Bujumbura intumwa za reta ntizashoboye gufata indege ku musi wa mbere ku muhingamo nk'uko vyari bitegekanijwe.

Tumenyeshe ko ikibazo kijanye no kugirira ikigongwe ivy'agateganyo abo mu muhari wa CNDD-FDD ishami rya Pierre Nkurunziza mu gihe batahuka n'ubu abagize intumwa za reta batacumvikana ko nka neza. Ico kibazo naco kikaba kiri mu rutonde rw'ibitegerezwa kwigwa.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG