Uko wahagera

Burundi: Umukuru wa Segiteri mu Ntara ya Mwaro Yarishwe - 2003-09-24


Umukuru wa segiteri ya Ngoro-Nyabisaka muri comine ya Ndava, Zacharie Ntamagendero yaragandaguwe ku musi w'Imana.

Abajejwe intwaro bemeza y'uko uyo mu kuru mu ntwaro yo hasi mu ntara ya Mwaro yishwe n'abarwanyi b'umuhari CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza.

Ubwo bwicanyi buje bukurikirana n'ubwagiriwe uwari aherutse kugenwa ngo arongore ikomine ya Giheta mu ntara ya Gitega.

Inkuru zinyuranye zimenyesha y'uko kuva umwaka utanguye uyo Zacharie Ntamagendero atari akiba iwe kubera ko yicura abohava bamwica bamusanze ku rugo. Yari amaze gusimba imitego y'abashaka kumwica akatari gake.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG