Uko wahagera

Burundi: FDD na FNL Bikomeje Kurwana - 2003-09-18


Imirwano ikomeye yarasubiriye hagati y'umuhari CNDD-FDD mu ntara ya Bujumbura rural.

Imirwano ikomeye hagati y'imirwi isanzwe irwanya ubutegetsi bw'i Bujumbura yarasubiriye ku musi wa gatatu. CNDD-FDD, ishami rya Pierre kurunziza, na FNL Palipehutu, yariko irarwanira muri comine Mubimbi, mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura.

Iyo mirwano yatumye abanyagihugu batari bake bata izabo nk'uko bimenyeshwa n'abajejwe intwaro muri Bujumbura rural. Iyindi nkurIkizi n'uko ibarabara rica muri ako karere ka Bujumbura rural rigana i Bugarama ryamaze umwanya utari muto ryugaye.

Twibutse y'uko hari haheze imisi ishika kw'icumi imihari irwana ya CNDD-FDD iriko iratana mu mitwe muri iyo micungararo ya Mubimbi. Umuhari CNDD-FDD gushika uno musi nturashobora kwemeza icese y'uko hariho imirwano iriko iraba hagati yawo na FNL-Palipehutu. Uyo nawo uguma umenyesha icese y'uko uyo muhari wa CNDD-FDD ariwo watanguye kuwusotora mu kuwicira abanywanyi bawo.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG