Uko wahagera

Burundi: CNDD-FDD Yimwe 40% mu Gisirikari - 2003-09-16


Reta y'Uburundi irateye kubiri n'iciyumviro co gukomorera CNDD-FDD ibice 40 % vy'ibibanza bigenewe abahutu mu ntwaro.

Reta y'Uburundi yarahakanye iciyumviro co gukomorera umuhari uyirwanya wa CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza, ibice 40 % mu bigenewe Abahutu mu kiringo c'intwaro mfatakibanza.

Ivyo vyamenyeshejwe n'umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye kuri uyu wa kabiri igihe yatahuka i Bujumbura avuye mu nama y'abakuru b'ibihugu vyo mu karere kibiyaga binini yaberaga i Dar Es Salaam muri Tanzania.

Muri iyo nama abayitavye bategerezwa kugira ico bavuze ku cegeranyo cagizwe n'abahinga ku bijanye n'igabagabana ry'ubutegetsi hagati ya reta irongowe na Domitien Ndayizeye na CNDD-FDD irongowe na Pierre Nkurunziza.

Amasezerano y'amahoro yabereye i Arusha hagati y'abanyepolitique avuga y'uko ku ruhande rw'igisirikare c'igihugu, Abahutu n'Abatusti bategerezwa kugabura ku bice 50%.

Nk'uko umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye yabishikirije, umuhari CNDD-FDD ishami rya Pierre Nkurunziza, wagumye ku ciyumviro c'uko wotwara ibice 40 kw'ijana ku bigenewe abahutu mu nzego zitwara igihugu.

Domitien Ndayizeye avuga y'uko ivyo bidashoboka:

“Ntibishoboka y'uko muri 50% vyategerezwa kuronka Abahutu, 10% bitegerezwa kugaburwa hagati y'Abahutu bo mu gisirikare ca reta, Abahutu ba Palipehutu FNL ya Rwasa Agathon, itaraja mu biganiro, n'iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho iriho ubu. N'ukudaha ikibanza abandi bahutu batari muri CNDD-FDD.”

Umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye ku bwiwe yemeza ko iyo ngendo ari iy'ugukumirana, ati ukwo gukumirana nakwo kugashobra kuzoba isoko y'indyane nk'iz'Uburundi buhitiyemwo.

Nk'uko President Domitien Ndayizeye yabishikirije, ivyo umuhari usaba mu gisirikare, ni navyo nyene ugomba ku bijanye n'urwego rw'igipolisi, naho nyene akemeza ko bidashoboka.

Ikindi kandi ashimikirako n'uko ikijandarume kidashobora kwonkorwa ku gisirikare c'igihugu muri iki gihe c'ingwano.

Ku bijanye n'ikibanza c'umukuru w'Inama Nshingamateka umuhari CNDD-FDD ushaka kujamwo, reta isaba y'uko ivyo vyobanza guca mu matora mu nama nshingamateka nyene. Hanyuma ku bijanye n'ikibanza c'icegera c'umukuru w'igihugu usaba, hagashirwaho ikibanza c'umushikiranganji wa reta, ari na co uyo muhari woca ujamwo.

Inama y'abakuru b'ibihugu yaciye iraba irigijwe inyuma kugira ngo abarwana baronke umwanya ukwiye wo kwiyumvira ku ngingo badahuzako.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG