Uko wahagera

Burundi: FRODEBU Yirukanye Abashingamateka Batanu - 2003-08-25


Abashingamateka 5 bo muri Sahwanya FRODEBU baheruka gukurwa muri uyo mugambwe.

Iyo ngingo yafashwe mu nyuma y'itohozwa ryagizwe muri uyo mugambwe. Inama nyobozi y'uyo mugambwe, mw'ikoraniro ryayo ryabaye kuri uyu w'Imana, yasanze abo bashingamateka ngo batacubahiriza amateka n'amategeko yawo.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, umuvugizi w'uyo mugambwe, Jean de Dieu Mutabazi yemeza y'uko abo bashingamateka batari bacitaba amanama y'umugambwe, canke ngo batange intwererano yawo.

Ikindi kandi bahowe n'uko bari basigaye bakorana n'iyindi migambwe. Josephine Mukerabirori na Joseph Ntakarutimana bagirizwa y'uko bahengamye, cane cane ko bari basigaye bakorera umuhari urwana wa CNDD-FDD, ishami rya Pierre Nkurunziza. Anaclet Ngomirakiza we yagirizwa y'uko afashe mu mugongo umugambwe CNDD-FDD, ishami rya Leonard Nyangoma. Joseph Ndayishimiye na we yagirizwa y'uko ahengamiye kuri FNL-Palipehutu, ishami rya Alain Mugabarabona.

Abo bashingamateka ntibakirekuriwe kwitaba amanama y'umurwi w'abashingamateka ba Frodebu mu bijanye n'ibikorwa vy'inama nshingamateka, ariko baguma ari abashingamateka bivuye kuko ubwo bushobozi babuhabwa n'igihugu. Jean De Dieu Mutabazi asaba y'uko uko ibintu bitunganijwe vyohinduka, cane cane kuko nk'uko abivuga abo bashingamateka bahemukiye umugambwe.

Tumenyeshe ko abo bahora ari abanywanyi b'umugambwe FRODEBU bategerezwa kurindira ikiringo c'imyaka itatu, ari naco gitegekanijwe, kugira ngo basubire gusaba kuwusubiramwo mu gihe boba bavyipfuza.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG