Uko wahagera

Burundi: Perezida Ndayizeye Yizeye Kwumvikana na CNDD - 2003-08-22


Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Domitien Ndayizeye, yaratahutse i Bujumbura ku musi wa gatanu mu nyuma y'ibiganiro yahoramwo i Sun City hamwe n'abaserukira umuhari CNDD-FDD. Bwari bubaye ubwa mbere umukuru w' igihugu abonana amaso mu yandi na Pierre Nkurunziza, umukuru w'uyo muhari urwanya reta.

Aho ashikiye ku kibuga c'indege ca Bujumbura, Perezida Domitien Ndayizeye yaramenyesheje y'uko ari n'icizero c'uko ibiganiro bigamije ukugabangana ibibanza mu gisirikare, reta n'inama nshingamateka bigiye kuzorangira vuba. Ati: “Twagiye turumvikana ibitari bike. Uravye ukwo umwe wese yagiye aresa, turabona ko turiko turumvikana ku bitari bike.”

President Ndayizeye amenyesha ko uyo mubonano wa mbere amaso mu yandi yagiriraniye na Pierre Nkurunziza ari intambwe imbere.Yemeza kandi ko bumvikanye ko iyo ntambwe itazokwigera isubira inyuma.

Nk'uko President Ndayizeye yabishikirije, bumvikanye na Pierre Nkurunziza, umukuru wa CNDD-FDD, y'uko bagiye gushishikara kuganira ku bibazo batashoboye kwumvikanako muri iyo nama kandi y' uko bazoba babirangije imbere y'uko inama y'abakuru b'ibihugu vyo muri kano karere ku kibazo c'Uburundi basubira gukorana i Dar Es Salaam muri Tanzaniya.

Umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye ariko ntiyashimye kuvuga ido n'ido ivyo yashoboye kwumvikana na Pierre Nkurunziza ku bijanye n'ibibanza uyo muhari usaba mu gisirikare, muri reta canke mu nama nshingamateka. Ku bwiwe ivyo bishobora gutera urukurukuru mu bantu bigatuma batarangiza mu mutekano nyakuri ibibazo bisigaye guharirirwako.

Tumenyeshe y'uko iyo nama y'abakuru b'ibihugu vyo muri kano karere yari yategekanijwe ubwa mbere kw'igenekerezo rya 24 myandagaro yegejwe inyuma indwi yose.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG