Uko wahagera

Burundi: Abarwanyi ba FDD na FNL Bahawe Ibiribwa - 2003-08-13


Igisirikare, hamwe n'abajejwe intwaro mu ntara ya Bubanza, barankiye abamenyeshamakuru gukurikirana ibikorwa vyo kugaburira abahora ari abarwanyi ba CNDD-FDD na FNL Palipehutu bakoranirijwe muri site yo mu Kayange.

Ku wa gatatu umukuru wa bataillon igira 15 y'abasoda barwanira hasi, Colonel Pascal Bizimungu, ari kumwe na Bulamatari w'intara ya Bubanza, Isaie Bigirimana, barabujije abamenyeshamakuru gukurikirana ibikorwa vyo guha ibifungurwa abahora ari abaroberi ba CNDD-FDD na FNL Palipehutu begeranirijwe ku Kayange, mu ntara ya Bubanza.

Ivyo vyabereye ku birometero bike vy'aho abo bahora ari abarwanyi bari bari mu gihe umuduga w'abamenyeshamakuru wakurwa n'abajejwe umutekano mu murongo w'imodoka z'abagiraneza zari zitwaye ibifungurwa.

Mu nyuma y'umubonano abo bakuru bagiriraniye ujanye no guha abamenyesha makuru uburenganzira bwo gushika mu kibanza ibifungurwa bitangirwamwo, Colonel Pascal Bizimungu, yaciye atanga itegeko ry'uko abamenyeshamakuru bofata inzira isubira i Bujumbura iyo baje bava, yemeza y'uko umutekano wabo udakwiye muri ako karere.

Yarongeye avuga ati: “Uwurenga aha aribonerako.”

Tumenyeshe ko abo bamenyeshamakuru bari bavanye i Bujumbura n'uyo murongo w'imodoka zijanye ibifungurwa, nawo ukaba wari ucungerewe umutekano na za blindes zitwawe n'abasoda b'abanya Afrika y'epfo.

Mu nyuma y'aho basabiye kw'itelephone umuvugizi wa gisirikare ngo agire ico yofasha, Colonel Augustin Nzabampema yishuye y'uko ataco ashoboye gufasha mu gihe atazi uwatanze itegeko ribuza abamenyeshamakuru gushika muri site ya Kayange.

Abo bamenyeshamakuru baserukira amaradiyo, studio na television bikurikira: Ijwi rya Amerika, radio Bonesha FM, Studio ijambo, Radio Publique Africaine, Radio Isanganiro, Associated Press, na Reuters.

Tumenyeshe y'uko iyo mfashanyo yasubiriye gutangwa n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya mu nyuma y'aho ryari ryayihagaritse kuva mu kwezi kwa kabiri kwo muri uyu mwaka. Inkuru ziva muri GTZ, ishirahamwe ry'abadagi rijejwe gutwara izo mfashanyo, zivuga y'uko ari amatoni 45 agizwe n'isukari, icayi, inyama zo mu makopo, amavuta y'amamesa, n'ibiharage.

Abanyagihugu bo mu micungararo ya Kayange bamenyesha y'uko banezerejwe n'iyo mfashanyo kuko izotuma abahora barwana badasubira kubatwara ibitungwa n'ibindi bikoresho vyo mu mazu.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG