Uko wahagera

Leta y'Uburundi Igiye Kworohereza Abanyamakuru - 2003-08-08


Inama nshingamateka y'Uburundi yaremeje ku wa kane itegeko rishasha rigenga abameneyeshamakuru.

Abamenyeshamakuru bagiye kuzokworoherezwa na reta mu bijanye n'amafaranga mu kutariha amatagisi ku vyerekeye umwuga canke aya douane mu gihe binjiza mu gihugu ibikenewe kugira ngo barangure akazi kabo.

Ikindi gishasha muri iryo tegeko rigiye gushingwa n'uko reta itegerezwa kuzotegekanya ikigega kizoba kijejwe ugufasha ibinyamakuru canke amaradiyo vyaba ivya reta canke ivyigenga.

Iryo tegeko rije risubirira iryari ryashizweho mu mwaka w' 1997, abamenyeshamakuru bakaba bari bararyiyamirije kuva rijaho barihora y'uko ritabaha ubwigenge bukwiye.

Tumenyeshe y'uko ibinyamakuru vyo mu Burundi vyose bibeshejweho n'imfashanyo y'abagiraneza, ayo nayo akaba ashobora guhagarika imfashanyo ata bundi buryo bwo gushishikara kubaho abisigiye. Ukudashobora kwinjiza amafranga yavyo bwite bigira ingaruka z'uko vyugara bimaze igihe gito gusa vyuguruye.

Uburyo bw'ivyo binyamakuru buzova nko mu mahera reta izohora itanga ukwo umwaka utashe, mu bagiraneza canke amatagisi atangwa ku binyobwa bikaze vyinjizwa mu gihugu canke itabi ku bice 15% y'ayo biba vyarihishijwe muri douane.

Inama nshingamateka isaba reta ko yosubiramwo ibiciro vy'amahera yahora irihisha amaradiyo akorera kw'isi y'Uburundi.

Iryo tegeko ritegerezwa kuja mu ngiro kuva itariki 1 Nzero mu mwaka w' 2004.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG