Uko wahagera

Burundi: Urwaruka Rudandariza Impuzu mw'Ibarabara - 2003-07-29


Urwaruka rudandariza mw'ibarabara rurarwiriye hagati y'igisagara ca Bujumbura no mu makaritiye abamwo abantu bato bato.

Benshi mu bo twabajije batubwiye y'uko baje bava mu ntara zo hagati mu gihugu baje kurondera akazi. Abandi nabo baje bahunga umutekano muke uhitiye mu bice bimwe bimwe vyo hagati mu gihugu.

Imyuga bashobora gutorana mu gisagara ca Bujumbura ku bakiri bato batashoboye kubandanya amashure ni nk'ugukora ibikorwa vyo mu nzu, ukwikorera imizigo y'abantu mu masoko, ukudandaza ibidandazwa bito bito binyuranye mu mabarabara, ibiyoba, amagi atetse, amazi akanyishije, amasashe yo gutwara ibintu, n'ibindi.

Bagishika mu gisagara ca Bujumbura, babanza gukorera abandi. Uko imisi igenda ni ko bamwe barondera ukwigenga, bivuye cane cane ku kugene baba babanye n'abakoresha babo. Abo twaganiriye batubwiye y'uko batama bafatwa neza.

Ndereya Nyegeranije, umusore w'imyaka 16 twasanze adandaza impuzu mw'ibarabara, ati:

“Icatumye nigenga jewe nararavye gukorera nk'uwundi muntu nca ndaraba nk'ukuntu ashobora kumfata, nca mbona y'uko notora umwuga wo kwikorera utw'iwanje.”

Nta kibanza kizwi abo bakiri bato bafise badandarizamwo. Baranyuragiranwa mu mabarabara bava mw'ikariyiye baja mu yindi. Bamwe batubwiye ko bahora bagira ibirometero bishika 30 ku musi.

Inyungu bakuramwo irabafasha kubaho ku musi ku musi. Barashoboye gupanga amazu mu makaritiye mato mato ukwa bonyene canke bagateranya na bagenzi babo kuyiriha.

Batubwiye kandi y'uko bashobora kuronka ivyo barya, rimwe na rimwe bakarungikira amahera abavyeyi babo bari hagati mu gihugu. Amafaranga bashoboye kuronka ku musi ku musi ari hagati ya 5000 na 10000 ku wufise impuzu nyinshi, igihumbi n'amajana atanu n'2000 ku wudandaza nkeyi.

Ugutera imbere kw'abacururiza ibidandazwa vyabo mw'ibarabara kuva cane cane kuko banyagihugu baba babikeneye. Abo twaganiriye batumenyesha ko biborohereza mu kudatuma barinda gufata urugendo rubajana mw'isoko, kandi y'uko bifasha iyo umuntu arondera ivyihuta nk'uko tubibwirwa na Placide Kintore, umusore twasanze muri zone ya Buyenzi ariko aragura impuzu zo kw' ibarabara.

“Ufise nk'ingorane urashobora gufatira n'impuzu hafi yawe ugaca uyironka ningoga utarinze kuja kw'isoko.”

Uyo musore atubwira kandi y'uko ibidandazwa vyo kw'ibarabara bigurishwa amahera makeyi ugereranije no mu masoko.

Iyo bashoboye kuziganya, bararonka imitahe ituma barondera ibibanza bizwi badandarizamwo.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG