Uko wahagera

Burundi: Jacob Zuma Arifuza ko Ingwano Zohagarara - 2003-07-18


Icegera c'umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo, akongera akaba umuhuza mu biganiro vyo guhagarika ingwano mu Burundi, yaramenyesheje kuri uyu wa kane y'uko ahuriza n'abategetsi b'Uburundi ku ciyumviro c'uko ingwano zohagarara. Ivyo Jacob Zuma yabimenyesheje mu gihe yariko ararangiza urugendo rwamasaha makeyi yari yagize iBujumbura.

Visipresida Jacob Zuma yarashoboye kubonana n'umushikiranganji w'Uburundi ajejwe ukwivuna abansi, umukuru w'ibiro bikuru vy'intwaramiheto, umukuru w'ibiro bikuru vy'ikijandarume, umukuru w 'igihugu Domitien Ndayizeye n'icegera ciwe Alphonse Marie Kadege, umukuru w'inama nshingamateka Dr.Jean Minani, n'umukuru w'inama nkenguzamateka Libere Bararunyeretse.

Uyo mutegetsi wa Afrika y'Epfo yategerezwa kuvugana n'abo bakuru ukugene umugambi ugamije guhagarika ingwano wifashe na cane cane ibijanye n'ibitero biheruka kuba mu gisagara ca Bujumbura. Jacob Zuma yari yamenyesheje ati "n'aho hakiriho ibitero umugambi w'amahoro watanguye haraheze imyaka uracabandanya."

Ariko rero ntiyigijeyo iciyumviro co gufatira ibihano abarwana mu gihe batohagarika ingwano.

Icegera c'Umukuru w'igihugu ca Afrika y'epfo yarashoboye kubonana n'inteko za Afrika y'Epfo zaje gucungera ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo guhagarika ingwano.

Tumenyeshe y'uko kuri uyu wa 18 ariho hategekanijwe i Dar Es Salaam inama yo gusubira guhuza reta y'Uburundi n'umuhari CNDD-FDD ishami rya Pierre Nkurunziza.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.


Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG