Uko wahagera

Imirwano y'i Bujumbura Irakomeje - 2003-07-10


Mu Burundi imirwano yarakomeje ejo ku wa 3 i Bujumbura no hafi yaho.

Umuvigizi wa guverinoma, Bonaventure Gashikanyi, avuga ko ejo ku wa 3 abarwanyi b’umutwe FNL barashe rockets zigera ku icumi i Bujumbura. Ingabo za guverinoma na zo ngo zitabaje kajugujugu z’intambara.

Andi makuru aturuka mu Burundi avuga ko imirwano yo ku wa 3 yahitanye abantu 13. Abo iyo mirwano imaze guhitana kuva yarota ku wa mbere ni 43.

Guverinoma y’Uburundi irashinja FNL na FDD kuba ngo bifatanya m’ukurwanya ingabo za guverinoma. Umuvigizi wa FNL, Pasteur Habimana, ariko arabinyomoza.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG