Uko wahagera

Burundi: Imirwano Yongeye Kurota Hagati ya FNL na Leta - 2003-06-05


Imirwano ikomeye yarahuje abasoda ba reta n'umurwi uyirwanya wa FNL mu nyuma y' iterwa ry'urugomero rw'amatara rwa Mugere.

Imirwano ikomeye yarahuje abarwana ba FNL n'abasoda ba reta y' Uburundi kuri uyu wa kabiri n' uwa gatatu. Izo ngwano zabaye mu nyuma y'aho umuhari FNL ishami rya Agathon Rwasa wari wagize ku ku musi wa kabiri ku muhingamo igitero ku basoda ba reta basanzwe bacungera urugomero rw'amatara rw'i Mugere hafi y'i Bujumbura. Muri iyo mirwi yose irwana nta n'umwe washoboye kuvuga neza igitigiri c'abasoda bahasize ubuzima. Umuhari FNL wemeza y'uko wakikuje abo basoda imbere yo kurasa, wongera baraturira imodoka yabo y'ingwano blinde.

Nk'uko umuvugizi w'uyo muhari urwanya reta yabimenyesheje, ico gitero cari kigamije ukwihora abasoda ba reta mu bugizi bwa nabi bari bamaze imisi bagirira abanyagihugu bo mu bice bimwe bimwe vyo mu makomine ya Bujumbura rural, mu Kabezi haraheze indwi zibiri, na Kanyosha haraheze hafi indwi yose.

Inkuru zinyuranye zemeza y'uko muri ivyo bice hari abantu bashika ku bihumbi 15 b'abacivils bateshejwe izabo. Uyo muhari nowo ukavuga y'uko ata mfashanyo yo kubagarukirako iraboneka.

Abagize ico gitero bemeza kandi y'uko bashoboye gutora inkoho zari zifiswe n'abasoda ba reta zishika kuri 30, hamwe n'ibikoresho vy'ibiro vya Regideso bijejwe urugomero aho ku Mugere; n' ukuvuga icuma ca ordinateur kimwe, hamwe na za disquettes. Ku bijanye n'urwo rugomero, umuvugizi w'umuhari FNL amenyesha ko ata cifuzo ufise co kubuza abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura kuronka umuyagankuba. Uvuga kandi y'uko utegekanya gusubiza izo disquettes regidso ariko ko uzogumya ico cuma ca ordinateur.

Mu nyuma y'imisi ibiri ivyo bitero bibaye nta nkurikizi iraboneka ijanye n'ikena ry'umuyagankuba i Bujumbura.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG