Uko wahagera

Urwanda Rushigikiye Umugambi w'Amahoro mu Burundi - 2003-06-03


Ubutegetsi bw'Uburundi buremeza y'uko bushigikiwe n'Urwanda mu mugambi w'amahoro.

Ivyo ni ivyavuye mu mubonano wabaye i Kigali kuri uyu wa kabiri hagati y'abakuru b'ivyo bihugu ukwo ari bibiri.

Nk'uko yabimenyesheje aho ashikiye mu Burundi avuye mu gihugu c'Urwanda umukuru w'igihugu c’Uburundi Domitien Ndayizeye yamenyesheje ko bumvikanye ko igihugu c'Urwanda kigiye kuja mu bandi kugira ngo gishobore kwumvisha ibindi bihugu duhana mbibe umugambi w'amahoro mu Burundi, na cane cane ku guhagarika ingwano.

Perezida Ndayizeye ati: “Twumvikanye ko na bo nyene bagiye gusaba ibihugu bidufasha ko bikwiye gushigikira za nteko zivuye hanze za Afrika zije gufasha mu gushira mu ngiro amasezerano yo guhagarika ingwano.”

Abo bakuru ukwo ari babiri baraganiriye ivyerekeye ibibazo vyo mu karere k'ibiyaga binini na cane cane ugukomeza imigenderanire ifatiye kw'ishirahamwe ribahuza CEPGL, bongera bemezanya kuriteza imbere.

“Twasezeranye y'uko imirwi igizwe n'ibihugu vyacu ukwo ari bibiri ijejwe gufashanya y'uko itegerezwa kubandanya ibikorwa vyayo, kandi twongera dusaba abashikiranganji babijejwe y'uko babandanya baganira kugira ngo imigambi irimwo ibandanye itera imbere.”

Umukuru w'igihugu Domicien Ndayizeye yaramenyesheje icese y'uko ashima intabwe yagizwe n'igihugu c'Urwanda mu gushiraho ibwirizwa shingiro ryotuma Abanyarwanda bagira amategeko abagenga.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG