Uko wahagera

Icegera c'Umukuru w'Intwazangabo mu Nteko za Afrika Cashitse mu Burundi - 2003-05-18


Abasoda 15 bakurubakuru b'abanya ethiopia barashitse i Bujumbura mu gikorwa co gucungera ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo guhagarika ingwano.

Abasoda bakuru bakuru barimwo uwuzoba icegera c'intwazangabo mu nteko za Afrika mu Burundi bashitse i Bujumbura kuwa mungu mu gatondo. Abo basoda barongowe na General Major Abebaw Tadese baje gutegura ibikorwa vy'ukwegeraniriza mu kibanza kimwe abahora barwana mu Burundi mu nyuma y'amasezerano yo guhagarika ingwano yabereye i Arusha mu mpera z'umwaka uheze.

General Major Abebaw azoba icegera ca Sipho Binda umunya Afrika y'epfo yashitse mu Burundi haraheze hafi ukwezi.

Ibikorza vyo kwegeraniriza hamwe abahora barwana bitegekanijwe hagati y'ukwezi kwa gatandatu n'ukwůindwi muri uno mwaka. General Major Sipfo Binda yatanze iyo nkuru ntiyashoboye kudomako urutoki igitigiri cabo.

Inteko za Ethiopia zizocungera iyubahirizwa ry'amasezerano yo guhagarika ingwano zitezwe ku wa kabiri ruheshi muri uno mwaka.Zikazoza ziyongera ku ba nya Afrika y'epfo 932 bari mu Burundi.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG