Uko wahagera

Impunzi z'Abanyecongo 400 ku Rubibe n'Uburundi - 2003-05-13


Impunzi zishika ku majana ane z'abanyekongo nizo zimaze gushika ku rubibe Republika Democratique ya Kongo gihana n'Uburundi. Uyo muzo wasubiriye kuva ku musi wa kane w'indwi iheze.

Inkuru ziva mu bajejwe intwaro mu Burundi zimenyesha y'uko abo banyagihugu bo mu buseruko bwa Congo bahunga intambara ziriko ziraba hagati y'umuhari RCD-Goma n'imirwi yitwaje ibirwanisho y'aba Mai mai mu ntumbero yo kwifatira mu minwe akarere ka Bukavu.

Izo mpunzi zishikira cane cane i Nyamitanga muri Komine ya Buganda mu ntara ya Cibitoke. Ubu bamwe baba bu masomero canke mw'isengero ry'ako karere canke mu miryango y'abarundi yemeye kubakira. Imfashanyo bamaze kuronka gushika ubu ni iy'amazi meza be n'ibisuguti vyabana vyatanzwe n'ishirahamwe ryitaho impunzi HCR.

Twibutse y'uko iyo komine ya Buganda yari imaze kwakira ampunzi z'Abanyekongo zishika ku bihimbi indwi kuva muri gitugutu mu mwaka uheze. Ubu bakaba bari mw'ikambi y'i Cishemere.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG