Uko wahagera

Burundi: Buyoya ngo Azarekura Ubutegetsi - 2003-03-28


Umukuru w’igihugu major PierreBuyoya yaremeye y’uko ashigikiye ibisikanya ku butegetsi n’icegera ciwe kuri uyu wa 1 Rusama. Ivyo President Buyoya yabimenyesheje mw’ijambo yashikirije igihugu cose kuri uyu wa gatanu ku mugoroba.

President Buyoya yemeza y’uko ari intambwe ihambaye iranga ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro yashizwe ko ibikumu n‘abanyeplitique ku wa 28 Myandagaro mu 2000.

Twibutse y’uko mu mpera z’umwaka uheze no mu ntango z’uno mwaka major Pierre Buyoya yari yasavye y’uko hoba ibiganiro bishasha hagati y’abanyepolitique bijanye no kwihweza y’uko koko ku wa mbere Rusama hazoba hageze y’uko haba ibisikanya mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Aho umukuru w’igihugu akaba yishimikiza iciyumviro c’uko hari ibibazo vy’inkoramutima bitaraja mu buryo mu bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yo guhagarika ingwano.

Imirwi yari imaze imisi iganira igizwe ahanini n’imigambwe Uprona na Frodebu, ikaba imaze kwumvikana y’uko ibiri mw’ibwirizwa shingiro ritegekanijwe mu kiringo c’intwaro mfatakibanza bitegerezwa kuja mu ngiro.

Iyo mirwi ibiri ya politique yariyemeje ingingo igiye kuzokwubahiriza zijanye n’iryo bisikanya ku butegetsi. Akarorero ni nk’uguheraheza ibibazo vya politique vyari bisigaye, nk’ugusohora ibwirizwa rijanye no guhasha icaha c’ihonyabwoko n’ibindi vyaha bigeramira agateka ka zina muntu, iyubahirizwa ry’ibitegekanywa n’amasezarano ya Arusha mu bijanye no kubisikanya ku butegetsi, ugushishikara gusaba ishingwa rya sentare mpuzamakungu mpanavyaha .

Tumenyeshe kandi y’uko, nk’uko président Buyoya abisigura, icegera c’umukuru w’igihugu azoba afise uburenganzira bwo gushira umukono ku ngingo zose zihambaye zijanye n’umutekano.

Twibutse y’uko ibisikanya ku cicaro c’ubutegetsi ryari ritegekanijwe mu ngingo zongewe ku masezerano yabereye i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya hagati y’imirwi ya politique hamwe no mw’ibwirizwa shingiro ry’intwaro mfatakibanza.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.

XS
SM
MD
LG