Uko wahagera

Ikibazo Nyakuri Si Iraki - 2003-03-11


Mu gihe igihugu gisigaye arico conyene gikomeye kurusha ibindi vyose vyo kw’isi citeguriye kuja mu ngwano, ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ribirekurira canke ritabirekurira, urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe umutekano kw’isi, ruri mu bihe abahinga batari bake bavugako bihambaye cane.

Ukwumvikana kwaho hagati y’ibihugu bimwe bimwe kuriko kurasambuka kuri ico kibazo, mu gihe hariko haravuka urunani rushasha. Ibihugu nk’Ubufransa n’Ubudagi, vyahoze bicuditse cane na Amerika mu gihe c’imishamirano hagati ya Amerika n’Uburusiya, muri iki gihe biriko biragwanya bikomeye ingingo za gisirikare za Amerika. Ku rundi ruhande, igihugu ca Bulgaria, cahoze ari ica gikomunista, muri iki gihe kiri ku ruhande rwa Amerika.

Robert Grey, yabaye umuhanuzi mu vya politike mu biro vya Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, yavuzeko ukwizigigwa n’akamaro k’ishirahamwe O-N-U ari ikintu gikomeye cane mu biganiro biriko biraba muri iki gihe. Grey avugako ikintu gikomeye cane muri iki gihe atari ukugene ibintu bizoba ku vyerekeye igihugu ca Iraki, ngo n’ukwizigigwa kw’ishirahamwe O-N-U, amakungu yubatse mu kiringo c’imyaka mirongo itandatu.

Jean-Krasno, ari mu baheruka kwandika igitabo kw’ishirahamwe O-N-U n’igihugu ca Iraki, avugako ibiriko biba muri iki gihe biterekeye gusa igihugu ca Iraki , ngo vyerekeye ukugene amakungu ameze inyuma y’ikiringo c’imishamirano hagati ya Amerika n’Uburusiya.

Krasno avugako ikibazo kihari muri iki gihe cerekeye ishirahamwe O-N-U, ngo kubera muri iki gihe abntu bariko baragerageza kumenya uko amakungu yifashe, urugero rw’inguvu z’ibihugu bigize ishirahamwe O-N-U. Ngo hari amakenga ku gihugu gisigaye arico conyene gikomeye kurusha ibindi vyo kw’isi, gishaka kuganza ibindi. Ngw’ivyo nivyo biriko biribonekeza muri iki gihe. Ngo kikaba ari ikibazo gikomeye.

Jean Krasno, umuyobozi nshingwabikogwa mu biro bijejwe ukugene ishirahamwe rikora kw’ishule kaminuza ya Yale, avugako urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U rujejwe umutekano ruri mu bihe bitoroshe na gato. Ngw’urwo rwego rushobora gushigwa ku ruhande mu gihe rutumvirije ibisabwa na Amerika. Ngo mu gihe ruteze amatwi Amerika naho rushobora kubonwa nk’igikoresho c’ico gihugu.

Nkuko abahinga n’abahoze baserukira ibihugu vyabo batari bake babivuga, benshi mu batunganya imigambi yo hanze ya Amerika muri leta ya presida wa Amerika, Gorge W. Bush, n’abantu bamaze igihe kirekire bafise amazinda ku kamaro k’ishirahamwe O-N-U.

James Leonard, yahoze ari icegera c’uwuserukira Amerika mw’ishirahamwe O-N-U, yavuzeko ibintu biriko biba muri iki gihe, bizogeramira ata nkeka ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U. Yamara yatangaje kw’izo nkwurikizi zitazotuma ishirahamwe O-N-U risambuka, kubera infashano y’iryo shirahamwe izokenegwa mu kwubaka igihugu ca Iraki co mu kiringo c’inyuma y’ingwano.

Leonard avugako ibintu biriko biraba muri iki gihe bizogeramira ata nkeka ishirahamwe O-N-U ngo yamara hari ingorane nyinshi cane aho ishirahamwe O-N-U ariryo ryonyene rishobora gutana umwizero, n’inyishu.

Nkuko vyabaye ahandi, vyitezwe kw’ishirahamwe O-N-U rizosabwa kworohereza ikibazo c’ingorane ku banyagihugu ingwano yo muri Iraki ishobora gutera.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.

XS
SM
MD
LG