Uko wahagera

Burundi: Guverinoma na CNDD-FDD Ntibyumvikana ku Nzibacyuho - 2003-02-17


Intumwa za reta n’iz’umuhari uyigwanya CNDD-FDD ntizashoboye kumvikana ku kugene abo muri uyo muhari bazokwinjira mu nzego mfatakibanza .

Intumwa za reta y’Uburundi zirongowe na Président Pierre Buyoya n’iz’umuhari ugwana CNDD-FDD zirongowe na Pierre Nkurunziza ntizashoboye kwumvikana ku kugene abo muri uyo muhari bazokwinjira mu nzego mfatakibanza .Ivyo vyamenyeshejwe kuri uyu w’Imana n’umukuru w’igihugu c’Uburundi mu nyuma y’urugendo yahoramwo i Pretoria muri Afrika y’Epfo,mu nama yahuje intumwa yari arongoye hamwe n’izari zirongowe na Pierre Nkurunziza.

Izo mpande zose zirwana zategerezwa gushishikara ibibazo vya politique n’ivy’igisirikare vyari vyasigaye mu nyuma y’ishirwako ibikumu ku masezerano yo guhagarika ingwano yari yabaye ku wa gatatu kigarama guheze i Arusha .

Mu bijanye na politique ivyo batashoboye kwumvikanako vyerekeye ukugene uyo muhari wa CNDD-FDD uzokwinjira mu nzego mfatakibaza ziri imbere. Ico ni naco kibazo gikuru batatumvikanyeko nk’uko bimenyeshwa na Major Pierre Buyoya.

Ku bijamnye n’ikigabane c’igisirikare ivyo batumvikanako bijanye n’ukugene abahora ari abarwanyi muri CNDD-FDD bazokwinjira mu nzego zijejwe umutekano.

Président Pierre Buyoya avuga ati « Imwe mu ngorane ,uyo muhari nturemera y’uko hariho iyindi migwi yitwaje ibirwanisho ». Akongera ati « twebwe tuvuga y’uko ukwinjira mu gisirikare vyega n’iyindi mirwi »

Umukuru w’igihugu Major Pierre Buyoya yemeza ko azokwisunga ibitegekanijwe mu masezerano y’amahoro y’i Arusha yabaye muri Mukakaro mu mwaka w’2000, n’ukuvuga ukwinjiza mu gisirikare c’igihugu ibice 50 kw’ijana ku bwoko bwose.

Président Buyoya arabeshuza inkuru y’uko muri urwo rugendo yabonanye amaso mu yandi na Pierre Nkurunziza atwara CNDD-FDD, ariko ko yari yasavye y’uko umubonano nk’uyo wotegekanywa .

Mu misi iri imbere umurwi w’umuhuza ugiye kuzotegekanya inama izotumirwamwo abakuru b’ibihugu n’amareta vyo mu karere k’ibiyaga binini, ari nayo izoheraheza ivyo bibazo bisigaye .



Shakira andi makuru yo mu karere hano.

XS
SM
MD
LG