Uko wahagera

Ibiganiro by'Abarundi Birategerejwe i Pretoria - 2002-12-17


Ibiganiro hagati ya reta y'Uburundi na FNL ya Agaton Rwasa bishobora gutangura kuri uyu wa gatatu.

Ibiganiro hagati ya reta y'uburundi n'umwe mu mihari iyigwanya wa FNL Palipehutu ishami rya Agaton Rwasa bishobora gutangura kuri uyu wa gatatu i Pretoria, muri Afurika y’Epfo. Ivyo vyamenyeshejwe kuri uyu wa kabiri n'umushikiranganji w'Uburundi ajejwe ukumenyesha amakuru akongera akaba n'umuvugizi wa Reta, Albert Mbonerane.

Intumwa za Reta y'Uburundi zaramaze gufata urugendo ruzishikana i Prétoria muri Afrika y'Epfo ku butumire bwa Nelson Mandela umuhuza mukuru mu biganiro vy'amahoro hagati y'abarundi. Umuhari urwana wa FNL Palipehutu nawo nyene wararonse ubutumire bene ubwo.

Twibutse y'uko uwo muhari usanzwe hari ivyo usaba imbere y'uko winjira mu biganiro vyo guhagarika intambara hamwe na Reta y'Uburundi.

Tubamenyeshe kandi y'uko mu misi iheze uwo muhari wari waragirije umuhuza mu biganiro vyo guhagarika intambrara akongera akaba n'icegera c'umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo Jacob Zuma y'uko ahengamiye ku ruhande rwa reta irongowe na Major Pierre Buyoya.



Shakira izindi nkuru z'Afurika hano.

XS
SM
MD
LG