Uko wahagera

Cote d'Ivoire : Intambara n'Amacakubiri - 2002-10-22


Muri Cote d’Ivoire, ibimenyetso vy’ingwano yabereye mu gisagara ca Bouake biracagargara. Ibivunji vy’amadirisha n’imiryango y’inzu vyuzuye imbere y’amazu, aho ugwaruka gw’imigwi y’amoko atandukanye gwataniye mu mitwe.

Mur’iki gihe, ivyo bibanza abashamiraniye bagwaniyemwo, nivyo abagerageza kwumvikanisha iyo migwi bahuriramwo, mu mana zo kwihweza imigambi yo kurekuriranira.

Mu kindi kibanza musi y’igiti, abagabo n’abapfasoni bashika 50 bariko barihweza icatumye ugwo gwaruka rutana mu mitwe, n’ingene bokwirinda gusubira kugwa mu ngorane nk’izo muri kazoza.

Abanya Cote d’Ivoire bo mu gisagara ca Bouake bavuga kw’ingwano yatanguye kw’igenekerezo rya gatandatu ry’uku kwezi, igihe leta ya Cote d’Ivoire yatera mur’ako karere, m’umugambi wo gusubira kwigarurira igisagara ca Bouake cari kimaze indwi zibiri carafashwe n’abagwanya ubutegetsi. Umusi iyo ngwano yatangura, abasirikare bagumutse barigaruriye igice c’ico gisagara.

Ababonye ingene iyo ngwano yatanguye bavuga ko ugwaruka gwo m’ubwoko bw’aba Baoule rushigikiye leta gwihereje amabarabara mu myiyerekano y’umunezero, rwibaza kw’abasirikare ba leta batsinze. Igihe ugwo gwaruka gwagira imyiyerekano, gwarishe abatari bake mu basirikare bagwanya leta ya Cote d’Ivoire. Ariko mu nyuma, abasirikare ba leta nti bashoboye kwigarurira igisagara ca Bouake, bituma abagwanya ubutegetsi batangura kuja mu mazu kwihora. Ubwoko bw’aba Baoule bugizwe ahanini n’aba kristu bo m’ubumanuko bwa Cote d’Ivoire, kandi kuva kera nibwo bwamye bugwiriye mu bategetsi bagize intwaro y’igihugu. Abasirikare bagumutse bariko bagwanya ubutegetsi nabo, baturuka m’ubwoko bw’aba Dioula, bagizwe ahanini n’abanywanyi b’idini rya Islamu baturuka m’uburaruko bwa Cote d’Ivoire.

Umushingantahe Kofi Alphonse, wo m’ubwoko bw’aba Baoule, n’umwe mu barongoye ibiganiro vyo kurekuriranira. Alphonse avuga kw’aba Baoule batanguye kugira amakenga, igihe babona aba Dioula bari mu myiyerekano y’umunezero, bariko bakira abagwanya ubutegetsi bashitse mur’ako karere.

Abo bagwanya ubutegetsi bamaze gushika, ngo baciye batangura kurondera ugwaruka gwo m’ubwoko bw’aba Baoule gwishe bagenzi babo. Ugwaruka gw’aba Baoule gwaciye rutangura gukwiragiza kw’aba Dioule bifatanije n’abagwanya ubutegetsi, m’umugambi wo guhonya ugwaruka gw’aba Baoule, kugirango bigarurire ako karere.

Ariko umushingantahe Alphonse avuga kw’abagwanya leta ya Cote d’Ivoire batarondera aba Baoule bose, ko barondera abakoze ubwicanyi gusa. Alphonse arongera akavuga kw’iyo ngwano igenda irishimikiza ivy’amoko, kubera ku kutumvikana. Abagwanya ubutegetsi bo nyene bagumye bamenyesha ko ata banye politike canke abantu bo m’ubwoko babashigikiye. Inyuma y’ukwezi guheze umugumuko utanguye muri Cote d’Ivoire, abagwanya ubutegetsi nti baridondora. Bamwe ngo n’abasirikare bagumutse, biyamiriza umugambi wa leta, wo kubakura mu gisirikare bagasubira m’ubuzima busanzwe.

K’urundi ruhande, abo bagumutse basaba ko presida Laurent Gbagbo atanga imihoho, ngo kuko arongoye leta itaye kubiri n’amategeko. Leta ya Cote d’Ivoire nayo ivuga kw’abagumutse ari abahora ari abasirikare bifatanije n’abacangero bashigikiwe n’igihugu ca Burkina Faso.

Imigenderanire ya Cote d’Ivoire na Burkina Faso imaze imyaka n’imyaka itameze neza. Abategetsi ba Burkina Faso bagiriza abategetsi ba Cote d’Ivoire ko bafata nabi abanywanyi b’idini rya islamu baba mur’ico gihugu.

Ibinyamakuru bimwe bivuga k’umugumuko wo muri Cote d’Ivoire ushimikiye ku vy’amoko n’amadini. Ariko abakurikirana ibiriko biraba muri Cote d’Ivoire bavuga ko naho benshi mu bagumutse ar’abanywanyi b’idini rya Islamu bo m’uburaruko bwa Cote d’Ivoire, leta nayo n’abayishigikiye bakaba ar’aba kristu bo m’ubumanuko, ingwano yo muri Cote d’Ivoire ntishimikiye ku moko canke amadini. Kwaku Antoine, wo m’ubwoko bw’aba Dioula, ari m’umugwi w’abarongoye ibiganiro vyo kurekuriranira mu gisagara ca Bouake. Antoine Kwaku avuga kw’ingwano yo muri Cote d’Ivoire yatanguwe n’abanyepolitike ba nsumirinda, bishimikiza ivy’amoko n’amadini, kugirango baronke ababashigikiye m’umugambi wo gushika ku vyo bipfuza. Yizigiye kw’igihugu kitazosambuka nk’uko inkuru zimwe zimwe zitanguye kubitangaza. Arongera akavuga kw’amoko yo mu gisagara ca Bouake yamye abana m’umutekano.

Iyo abo mu bwoko bw’aba Baoule n’abo mu bwoko bw’aba Dioula bahejeje inama, bagwana munda kandi bakaramukanya n’igishika cinshi. Ariko, ikigaragara n’uko amatati atoroshe ari hagati ya leta ya Cote d’Ivoire n’abayigwanya atazohera vuba.

XS
SM
MD
LG