Uko wahagera

Inama ku Ngorane z’Ikiyaga Tanganyika 



Abaserukira ibihugu bisangiye amazi y’ikiyaga Tanganyika bigizwe n'Uburundi,Tanzania, Zambia na Congo iharanira demokarasi, bakoraniye i Bujumbura kur'uyu wa kabiri, igenekerezo rya 30, ukwezi kwa gatatu, umwaka wi 2010. Iyo nama yatumiwemwo kandi abahinga banonosoye ivyo gukingira inzuzi n'ibiyaga.

Laurent Ntahuga, umukuru w'umugambi PRODAP usangiwe n'ivyo bihugu, yabwiye abamenyeshamakuru ko ikiyaga Tanganyika kibangamiwe n'inkukura n'amazi mabi ava mu mazu no mu mahinguriro yo mu gisagara ca Bujumbjura.

Intumbero y'iyo nama iriko ibera i Bujumbura, n'iyo gutegura imigambi itomoye, yo gukingira ikiyaga Tanganyika n'ibinyabuzima biba muri ico kiyaga. Kudakingira ikiyaga Tanganyika ngo bigira ingaruka mbi ku bantu baharurwa mu miriyoni cumi babeshejweho ahanini n’ico kiyaga kurusha abandi. Benshi muri abo bantu baba mu bisagara vya Bujumbura na Rumonge, mu Burundi; Kalemi muri Congo; Mpurungu muri Zambia; na Kigoma na Ujiji muri Tanzania. Uretse ko abo banyagihugu batunzwe na bimwe mu binyabuzima biba mu mazi y’ikiyagaTanganyika, nk'ifi n'indagara, basanzwe kandi banywa n’amazi ava muri ico kiyaga.

Abahinga batumiwe miri iyo nama gufasha ibihugu bisangiye ikiyaga Tanganyika, bavuga ko ico kiyaga kirimwo ubwoko bwinshi bw'ibinyabuzima, harimwo n’ubwoko bw’udufi duto duto bita “indagara”, ata handi buboneka kw'isi atari mu kiyaga Tanganyika. Abo bahinga bavuga bati" ni vyiza gukingira cane cane ubwo bwoko kugira ngo nti buzimangane".

Inama itegekanya ko Uburundi, Tanzania, Zambia na Congo iharanira demokarasi bishira ibikumu ku masezerano atomora neza ibigiye gukorwa mu gukingira ikiyaga Tanganyika, cinziriza ivyo bihugu amafaranga menshi, biciye m’uburovyi no gutwara abantu n'ibintu.


XS
SM
MD
LG