Uko wahagera

Abaguzi mu Burundi n’Amategeko Abagenga


Mu Burundi, abaguzi barasaba amategeko abagenga. Ishirahamwe ry'abaguzi, ABUCO, ryifatanije n'ibindi bihugu vyo kw’isi mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abaguzi. Uko umwaka utashe, mu Burundi uwo musi uhimbazwa kw'igenekerezo rya 15 ukwezi kwa gatatu, Abaguzi b'Abarundi bahimbaje. Uyu mwaka, icivugo c’uwo musi mu Burundi cari "Amafaranga y'igihugu ni amafaranga y'umunyagihugu wese”.

Umukuru w'ishirahamwe ry'abaguzi, Noel Nkurunziza, yatangaje kuri uwo musi mukuru ko Reta y'Uburundi itarashinga amategeko akingira abaguzi. Umukuru w’ishirahamwe ABUCO atanga akarorero k'ibiciro vy'ibidandazwa n'ibindi vya nkenerwa biguma biduga, umushara nawo nti wongezwe. Abaguzi, ahanini bagizwe n'abakozi ba reta, bitavye inama yabaye kur'uyu musi wa mbere, babwiye Ijwi rya Amerika ko bafise ingorane zo kuriha aho baba, ingorane zo kugura ibifungurwa n'imiti iyo bagwaye canke bagwaje.

Mu mwaka w'i 2009, reta yaradugije ibiciro vy'ibitoro, n’inzoga. Amafaranga yo kwiyunguruzayoyo yaduze incuro zirenga zibiri. Ico gihe cose ishirahamwe ry'abaguzii, ABUCO, ryagumye rinegura uburyo ibiciro biduzwa batagishije inama abaguzi. Umukuru wa ABUCO arasaba ko abaguzi boserukirwa mu nzego nshingwantwaro zo mu mashirahamwe ya reta, kugira ngo umuguzi agire abamuserukira mu gukurikirana ikoreshwa ry'amafaranga ya reta.

XS
SM
MD
LG