Uko wahagera

Ubusuma Bujanye n’Amatora mu Burundi


Ubusuma bw'udupapuro dutanga uburenganzira bwo gutora burakomeye. Abanyeporitike batavuga rumwe na reta batangaza ko hariko haraba ubusuma bwo kugura udupapuro duha abanyagihugu uburenganzira bwo gutora. Abajejwe intwaro mu ntara zimwe zimwe z’Uburundi baremeza ko ubwo busuma buhagaritse umutima abantu, kandi ko bushobora kubangamira amatora hamwe ababukora batofatwa. Abayoboye amakomine yo mu ntara ya Makamba baganiriye n'Ijwi rya Amerika, baremeza ko hari abantu bamaze gufatwa n'abanyagihugu, ariko ngo amatohoza ntarerekana ko abo bantu babikora ku gatwe kabo canke batumwa n'abanyeporitike.

Abanyaporitike batavuga rumwe na reta bagiriza umugambwe uri k'ubutegetsi ko ariwo ukora ubwo busuma, ariko abatwara umugambwe CNDD-FDD barahakana ivyo vyagirizo. Ababagiriza bavuga ko abagurirwa izo mpapuro zitanga uburenganzira bwo gutora ari abanywanyi babo bamaze kubona ko batazotora umugambwe CNDD-FDD mu matora yimirije. Ibiciro vy'izo mpapuro ngo biratandukanye nk'uko abanyagihugu bavyiganiye Ijwi rya Amerika. Mu gihugu hagati agapapuro k'umuntu kagurwa ibihumbi bitanu, mu bisagara kakagurwa ibihumbi cumi na bitanu.

Abajejwe gutegura amatora bo mu mugwi CENI baranegura ubwo busuma, bakavuga ko ataco bushobora guhindura kuko ngo n'aho umuntu azoba yagurishije urupapuro rwiwe, ngo azosohoka ku rutonde rw'abatora, bigatuma azoronswa urundi rupapuro rumuha uburenganzira bwo gutora. Amatora yo mu 2010 azotangura kw’igenekerezo rya 21 ukwezi kwa gatanu. Bitegekanijwe ko hazotunganywa amatora atanu mu kiringo c'amezi ane. Ayo matora atungaijwe inyuma y'intambara yamaze imyaka cumi n'itanu, ariko imihari yose yarwanya reta ubu yarahagaritse intambara.

XS
SM
MD
LG