Uko wahagera

Abagirizwa Gushaka Gutembagaza Inzego z'Igihugu


Mu Burundi, abasirikare bagirizwa gushaha gutembagaza ubutegetsi barabandanya gufatwa. Inyuma y'imisi iheze abambere bafashwe, umukuru w'ibiro bikuru vy’intwaramiheto, Jenerari Majoro Niyombare Godefroid, avuga ko hamaze gufatwa abasirikare cumi n'indwi, bagirizwa gutegura gutembagaza inzego z’igihugu.

Umuvugizi w'ugwego gwa gisirikare yabwiye Ijwi rya Amerika ko abasirikare bamaze gufatwa bapfungiwe mu makambi ya gisirikare atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura. Uwo muvugizi amenyesha ko amatohoza abandanya, kandi ko ari igikorwa co kwitondera. Gushika kur'uwu wa mbere nta munyagihugu asanzwe canke umunyepolitike arafatwa, n'ubwo abarongoye ugwego gwa gisirikare bemeza ko hariho abanyeporitike batadoma ko urutoke bagerageza gukoresha inzego z'umutekano, kugira ngo bashike kuvyo bipfuza.

Kuva mu mpera z'indwi irangiye, igihe hafatwa abasirikare cumi na batatu, bagirizwa gushaka gutembagaza inzego z’igihugu, mu bunywero no mu mabarabara nta kindi cavugwa atari uwo mugambi. Bamwe bati umugambi warateguwe, abandi bati ni irementanya ry’intwaro ishaka gufata abatavuga rumwe na reta. Perezida Petero Nkurunziza yaremeje ubwiwe ko uwo mugambi wariko urategurwa, aca ashimira abajejwe umutekano babujije abashaka gutembagaza inzego gushika kuco bipfuza.

Umuhinga mu vya poritike, Julien Nimubona, yasiguriye Ijwi rya Amerika kuri terefone, ko hariho ibibazo vyashikirijwe n'abasirikare, ariko bitigeze bironka inyishu. Ati nta woshoka avuga ko umugambi wo gushaka gutembagaza inzego wateguwe, ahubwo hakenewe amatohoza ataho yegamiye.

Uwo mugambi ugiye ahabona inyuma y'amezi menshi aheze havugwa icuka kibi mu gisirikare, kivuye ku basirikare b'amapete yo hasi hamwe n'ibisongerezi basaba kuronswa amafaranga y'uburaro. Imyidogo y'abo basirikare yaribonekeje mu nzandiko zitagira umukono zakwiragijwe mu mabarabara yo mu ntara ya Gitega, mu kwezi kwa cumi na rimwe, umwaka uheze.

Izo nzandiko zakwiragijwe igihe umukuru w'igihugu yariko aragendera iyo ntara zavuga ko abasirikare batobato bafashwe nabi, bakagabisha rero ko bashobora kubangamira umutekano n'amatora yimirije, hamwe batohabwa ivyo basaba. Mu kwezi kw'icumi, mu mwaka uheze, abasirikare benshi bo mu ntara za Bubanza, Cibitoke na Bujumbura barahinduriwe aho bakorera. Abegereye igisirikare baremeza ko abo basirikare baciye barungikwa gukorera mu ntara za ruguru kure y'igisagara ca Bujumbura, kubera ko bari mubashaka kugumura abandi. Kandi ngo haheze amezi atatu abasirikare batobato batacitaba, nk’uko vyahora, ibiganiro bita Causerie morale bibahuza n'ababarongoye.

Abanyaporitike bagiriza umugambwe uri k'ubutegetsi ko uriko utegura umugambi wo gupfunga abo batavuga rumwe. Abanyeporitike baganiriye n'Ijwi rya Amerika bavuga ko bafise amakenga ko umugambi mushasha wo gushaka gutembagaza inzego ushobora kuba intango y’uko abanyeporitike batarabwa ryiza n'ubutegetsi bafatwa bagapfungwa,ivyo navyo bikaba bishobora kubangamira amatora yimirije.

XS
SM
MD
LG