Uko wahagera

Ububirigi ku Kibazo c’Amatora mu Burundi


Ububirigi burasaba reta y'Uburundi ngo itegure amatora arimwo umutekano kandi atagiramwo ubusuma. Icegera ca mbere c'umushikiranganji wa mbere w'Ububirigi, Steven Vanckere, yarangije urugendo rwiwe mu Burundi ku wa mbere, igenekerezo rya 25, ukwezi kwa mbere, umwaka wi 2010.

Mw’ijambo yashikirije, yateye akamo reta y’Uburundi, ayisaba ngo itegure amatora atekanye, kandi atagiramwo ubusuma. Ahejeje kwakirwa n'umukuru w'igihugu, imbere yo gufata indege imutahukana, Steven Vanckere yabwiye abamenyeshamakuru ko mu mibonano yagiranye n'imigwi itandukanye, yarumvise ko hariho amakenga menshi ku bijanye n'amatora. Urwo rugendo rwahuriranye n'uko mu ntara nyinshi z'igihugu urwaruka rwo mu migambwe CNDD-FDD na FNL rumaze imisi rutana mu mitwe.

Mur'izo ntambara imisore myinshi yarahakomerekeye, gushika n’aho bamwe mbere bakenera kujanwa mu bitaro vyo hanze, bikoresha uburyo bukomeye, nk'uko abaganga babivuga. Abanyagihugu n'abanyeporitike baganiriye n'Iwi rya Amerika baremeza ko bafise amakenga menshi ku kibazo c'umutekano mu gihe c'amatora.

Uwo mutegetsi w'Ububirigi yatangaje ko Ububirigi bugiye kugwiza na gatatu imfashanyo bwahora buha Uburundi. Ariko nti yatomoye neza ingene ayo mafaranga azongana. Steven Vanckere yavuze ariko ko Ububirigi buzofasha cane kugira ngo amatora agende neza. Mur'urwo rugendo icegera c'umushikiranganji wa mbere w'Ububirigi yarashikirije abanyagihugu bo mu ntara ya Bubanza (mu buraruko bushira uburengero) imfashanyo y'imisegetera ikingira imibu.


XS
SM
MD
LG