Uko wahagera

Uwahoze Aserukira Uburundi muri Kenya Yasubiye Kurengutswa.  


Uwahoze aserukira Uburundi i Nairobi muri Kenya Salvator Ntacobamaze yarengutse kur'uwu wa gakabiri imbere y'abacamanza ba sentare igwanya ibiturire.. Uwo munyororo amaze amezi arenga atatu ari mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura(Mpimba) ari kumwe n'uwumuburanira basavye kuronswa izandiko zerekana ibirego vyose salvator Ntacobamaze akurikiranwako.

Uwumuburanira avugako bitanganje kubona inyuma y'amezi atatu arenga batari bwashikirize ivyo bagiriza uwo mu ambasaderi, ati" biribonekeza ko ari imvo za poritike". Salvator Ntacobamaze yamvuzwe kw'igenekereo rya 26 ukwezi kw'icumi umwaka w'i 2009.
Abaporisi bajejwe kugwanya igiturire nibo bamwakiye ku kibuga c'indege ca Bujumbura ahagaritswe mu mabanga yiwe.

Uwahoze aserukira Uburundi mu Butariyano nawenyene yagagaritswe ico gihe nawenyene yagirizwa kunyuruza amatungo ya reta aracapfungiwe mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura.
Gushika ubu nta nsiguro zitomoye zirashikirizwa n'ababijejwe ku vyo abo ba ambasaderi bakoze, mu mburano niho vyose bizomenyekana. Abigenga bakurikirana ivy'ibiturire no gusesagura amatungo ya reta nka OLUCOME bavuga ko mu Burundi abarya ibiturire bagasesagura amatungo ya reta babandanya bidegevya mbere ngo benshi bagashingwa amabanga akomeye.

XS
SM
MD
LG