Uko wahagera

Amakuru Yaranze Uburundi mu Mwaka w'i 2009


Mu mwaka w’i 2009 abategetsi n’abanyaporitike b’Uburundi bitwararitse ahanini gushinga inzengo zijejwe gutegura amatora ategekanywa muri uyu mwaka w’i 2010. Uwo mugwi ujejwe gutegura amatora washinzwe bigoranye cane. Inyuma y’impari nyinshi, umukuru w’igihugu yaravugurujwe, umugwi yari yashikirijwe urahindurwa, kubera induru z’abanyaporitike n’impanuro z’amakungu.

Ku bijanye n’amategeko angenga amatora impari zarabandanije ariko rero ababijejwe barashoboye kwumvikana, bashinga ko amatora azotangura mu kwezi kwa gatanu akarangira mu kwezi kw’indwi. Mu matora atanu ategekanijwe hazotangura ay’abahanuzi b’amakomine, hakurikire ay’umukuru w’igihugu, hanyuma ay’abashingamateka, n’abakenguzamateka akurikire, ay’abarongoye imitumba asozere.

Abamenyesheje ko bagiye guhiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu gushika ubu ni batatu. Abahoze batwara Uburundi, Jean Baptiste Bagaza na Domitien Ndayizeye, hamwe na Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL. Perezida Petero Nkurunziza aravugwa cane ko azokwitoza mur'ico kibanza, naho atarabimenyesha kumugaragaro. Abo batavuga rumwe bamwagiriza ko yatanguye ibikorwa vyo kwiyamamaza kandi amategeko atarabirekura.

Iyemezwa ry’imigambwe naryo nyene riri mu vyaranze plitike y’Uburundi. Mur’iki gihe mu Burundi haharugwa imigambwe mirongo ine n’itatu.

Mu vyerekeye umutekano, umwaka w’i 2009 waranzwe n’ihagarikwa try’intambara, hagati ya reta n’umugwi FNL-Palipehutu. Abagwanyi b’umuhari Palipehutu-FNL ibihumbi bitatu n’amajana atanu barinjijwe mu nzego z’umutekano, mu nzego z’igiporisi n’iza gisirikare. Abarenga ibihumbi cumi nabo barashubijwe mu buzima busanzwe.Umuhari Palipehutu-FNL warahinduye izina witwa FNL, uca wemererwa kuba umugambwe wemewe n’amategeko y’Uburundi. Abategesti bakuru bakuru b’uwo mugambwe barahawe ibibanza mirongo itatu na bitatu mu buzi butandukanye.

Umutekano uri kandi muri raporo ya ONU yashizwe ahabona mu kwezi kwa cumi. Iyo raporo yagiriza umukuru w’ibiro bijejwe iperereza n’abategetsi bakuru bakuru bo mu gwego gw’abaporisi, ko bagurisha ibigwanisho ku mugwi w’Abanyarwanda FDLR, urwana mu buseruko bwa Congo iharanira demokarasi. Umuvugizi wa reta Phillipe Nzobonariba yariyamirije ibiri mur’iyo raporo.

Mu vyerekeye umutekano kandi, Uburundi bwaraburiye muri Somalia abasirikare barenga mirongo ibiri, bahitanywe n’ibiteri vy’abihevyi bo mw’idini rya Isiramu. Abapfuye bari mu basirikare 1800 barungitswe guhagararira amahoro muri Somalia, kw’izina ry’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika. Imigwi y’intagondwa z’abanywanyi bo mw’idini rya Isiramu muri Somalia zaragabishije kandi ko zigiye gutegura ibitero i Bujumbura kubera abo basirikare b’Abarundi barungitswe muri Somalia. Abajejwe umutekano mu Burundi ubu baguma barikanuye.

Mu Burundi bwabaye ubwambere abasirikare n’abaporisi bagira imyiyerekano, bagakwiragiza inzandiko zivuga ko bafashwe nabi. Barongeye bavuga mbere ko bashobora guhungabanya umutekano, no kubuza amatora yimirije. Ivyo vyabaye mu ntango z’ukwezi kwi cumi na kabiri, i Gitega hagati mu gihugu.

XS
SM
MD
LG