Uko wahagera

Umukuru w'Igihugu ca Djibouti mu Burundi


Umukuru w'igihugu ca Djibouti, Ismail Omar Gueley ariko aragendera Uburundi, aherekejwe n'abagwizatunga baba mu gihugu ciwe. Ku musi w'Imana, Perezida wa Djibouti yaragendeye umurima w'ibigazi bitanga amavuta y'amamesa, muri komine Rumonge, mu ntara ya Bururi, m’ubumanuko bw'Uburundi. Umukuru w'igihugu ca Djibouti ariko agendera uturere turi ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika ari kumwe n'abagwizatunga bamuherekeje.

Mu biro kwa Perezida w'Uburundi batangaza ko inyuma y'urugendo rwa Perezida Omar Ismail Gueley, bitegekanijwe ko hashigwa umukono ku masezerano yo gufashanya, hagati y'ibihugu vya Djibouti n'Uburundi. Mur'ukwo gufashanya, abagwizatunga bo muri Djibouti bazeye ko bazoronswa uburenganzira bwo kwubaka ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika amazu yo kwakira ingenzi.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Petero Nkurunziza yari aherutse kugendera igihugu ca Djibouti mu kwezi kwa gatandatu guheze. Ico gihe, abaherekeje Perezida Pierre Nkurunziza bemeza ko mugenzi we Omar Ismail Ngueley yamugabiye inyubakwa ibereye ijisho.

Umugwizatunga w'Umunyarwanda akorera mu gihugu ca Djibouti, Silas Majambere, ari mubariko bakomeza imigenderanire hagati y'igihugu c'Uburundi na Djibouti. Uwo mugwizatunga aramaze guhabwa ibibanza vyinshi ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika, aho ariko yubaka amazu menshi y'ingenzi.

XS
SM
MD
LG