Uko wahagera

Ibogozwa ry’Umushikiranganji mu Burundi 


Umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu, ubutare n'agataka yakuwe muri reta yagirizwa amakosa akomeye. Umukuru w'igihugu c'Uburundi Petero Nkurunziza yashize umukono kur'uwu wa gatatu kw'itegeko 100/189 rikura muri reta umushikiranganji Samuel Ndayiragije yari ajejwe amasoko ntanganguvu, ubutare n'agataka. Urwandiko rwasomewe abashingamateka mu nama ya bose yo kuri uyu wa gatatu , igenekerezo rya 11, igihe abashingamateka barenga mirongo itatu bagira bashikirize urwandiko rwabo bari bamaranye imisi rusaba ko uwo mushikiranganji akurwa.

Urwandiko umukuru w'igihugu yashize ko igikumu ruvuga ko umushikiranganji Samuel Ndayiragije yagize amakosa akomeye, mu kwemeza ko reta y'Uburundi ihevye amafaranga y'amarundi imiriyaridi mirongo itatu n'indwi yovuye mw'ishirahamwe SINELAC risangiwe n'ibihugu vy'Urwanda, Uburundi na Congo Iharanira Demokarasi. Ayo mafaranga yotanzwe n'ibihugu vy'Urwanda na Congo. Ariko mu nama y'abashikiranganji bajejwe imigambi y’umuyagankuba bo mur'ivyo bihugu bitatu, yabereye i Gisenyi mu kwezi kw'umunani uyu mwaka, abashikiranganji batatu barashize ibikumu ku rwandiko rwemeza ko amadeni yose aheraniwe SINELAC ahanaguwe.

Inyuma y'iyo nama y'i Gisenyi, mu Rwanda harabaye ukutumvikana hagati y'umuyobozi w'ishirahamwe ritanga umuyagankuba mu Burundi REGIDESO n'umushikiranganji ajejwe ivyerekeye umuyagankuba ku ngingo yafatiwe i Gisenyi. Mu rwandiko wo muyobozi wa REGIDESO yasohoye akanarushikiriza abashingamateka, yaraneguye uburyo umushikiranganji Samuel yagiye mu nama ata muhinga n'umwe mu vyerekeye umuyagankuba barikumwe kandi bagenzi we bari babitwaje. Mur i urwo rwandiko umuyobozi wa REGIDESO arerekana kandi ko umushikiranganji Samuel Ndayiragije yemeje ibintu bituma Uburundi butakaza imiriyaridi mirongo itatu n'indwi z'amafranga y’Uburundi. Mu nsiguro uwo mushikiranganji yatanze, avuga ko ivyafashwe vyari nk'ivyipfuzo, ko za reta zogize ico zibivuzeko.

Mu nama y'abashingamateka yo kw'igenekerezo rya kane, umushikiranganji Samuel Ndayiragije yari yahamagawe kwisigura, ariko inama yarangiye abashingamateka bose batanyunzwe. Inyuma y'insiguro z'umushikiranganji Ndayiragije, umugwi w'abashingamateka, ahanini bagizwe n'abo mu migambwe itavuga rumwe na reta, babwiye abamenyeshamakuru ko bagiye kubandanya basaba ko uwo mushikiranganji akurwa mu mabanga ajejwe. Mu nama y'abashingamateka yo kur'uyu wa gatatu , igenenekerezo rya11z’uku kwezi turimwo, igingo y'umukuru w'igihugu yakiriwe neza n'abashingamateka bose, harimwo n'abo mu mugambwe CNDD FDD umushikiranganji Samuel Ndayiragije akomokamwo.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu yasiguriye abamenyeshamakuru ko ingingo y'umukuru w'igihugu ishimikiye ko ugusamara kw'umushikiranganji Samuel Ndayiragije gushibora gutuma Uburundi bugira agahombo k'imiriyaridi mirongo itatu n'indwi z’amafaranga y’Uburundi. Leonidas Hatungimana avugira Perezida Nkurunziza nawe avuga ati '' ni nk'akagohe umukuru w'igihugu c'Uburundi akubitiye abandi bashikiranganji, ngo bame bahagararira inyungu z'iguhugu mu vyo bakora vyose ''. Dieu Donne Ngowembona yahoze atwara ikigega ca reta ku ntwaro ya Perezida Nkurunziza, niwe mushikiranganji yari amaze gukugwa yagirizwa amakosa akomeye, igihe reta yagurisha indege Falcon 50. Igurishwa ry’iyo ndege rikaba ryagaragayemwo amahinyu menshi, mbere n’amashirahamwe yigenga akaba yagiye arerekana ko habayemwo ibiturire.

XS
SM
MD
LG