Uko wahagera

Mu Burundi, Ikiringo co Gusubiza Ibigwanisho ku Gushaka Carangiye 


Ikiringo c'amezi abiri cari catanzwe n'umugwi w'igihugu ujejwe gukura ibigwanisho mu gihugu carangiye isaha zitandatu zijoro kur'uwu wa gatatu, ignekerezo rya 28 ukwezi kw’icumi 2009. Abanyagihugu bari bahamagariwe gusubiza ibigwanisho kugushaka. Zenon Ndabaneze atwara uwo mugwi yabwiye Ijwi rya Amerika ko abantu bitavye akamo ko gusibiza ivyo bigwanisho barenga ibice mirongo indwi na bitanu kw'ijana.

Abanyagihugu basubije ibigwanisho bararonkejwe udushimwe dutandukanye; tw’ibitenge, isima, amakinga, amaterefone, amasuka, amabati n'ibindi bikoresho vya nkenerwa. Mu banyagihugu batasubije ibigwanisho kandi batashimye kuvugwa amazina, hari ababwiye Ijwi rya Amerika ko badashima udushimwe dutangwa, kuko ngo mu gihe c'intambara inkoho y'ubwoko bwa Kalashinikov umuntu yayigura amafaranga ibihumbi amajana abiri, ariko ngo ntagashimwe kangana ayo mafaranga gatangwa. Abandi batatanze ibigwanisho bavuga ko bafise amakenga ku mutekano wabo mu matora yimirije mu mwaka w'i 2010.

Umugambi wo gukura ibigwanisho mu banyagihugu mu kubahimiriza ngo babisubize ku gushaka kwabo, umaze imyaka itatu ariko nti washoboye gukura ibigwanisho vyose mu banyagihugu babitunze batabifitiye uruhusha. Amashirahamwe atandukanye aharanira agateka ka zina muntu, aharura ivyo bigwanisho hagati y'ibihumbi amajana abiri n'ibihumbi amajana atatu. Kubera intambara no kutizera abajejwe umutekano ku bantu bamwe bamwe, abanyagihugu bagiye baragura ibigwanisho. Inyuma y'amasezerano y'amahoro, ubusuma bw'abitwaje ibigwanisho bwabaye bwinshi, abajejwe intwaro n'umutekano bagasigura ko biva ku bigwanisho bitunzwe n'abanyagihugu batabifitiye uruhusha.

Amategeko ategekanya ko kuva kur'uwu wa kane igenekerezo rya 29 ukwezi kw'icumi, umuntu azofatanwa ikigwanisho atagifitiye uruhusha azohanwa kuva ku munyororo w'imyaka ibiri gushika ku myaka cumi, n'ihadabu y'amafaranga ava ku bihumbi amajana abiri gushika ku miriyoni zitanu, canke igihano kimwe mur'ivyo bibiri. Umugambi wo gukura ibigwanisho mu gihugu uri kandi mu bikorwa vyo gutegura amatora, kubera ko nk'uko vyagiye birashikirizwa n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ,abanyaporitike bamwe bamwe bakoresheje ibigwanisho mu kugira iterabwoba, kugira ngo abanyagihugu babatore mu matora yo mu mwaka wi 2005.

XS
SM
MD
LG