Uko wahagera

Ejo Bite? Abakiri Bato n’Ukubungabunga Ibidukikije


Amashirahamwe y’abagiraneza mu ntara ya Karuzi arafasha abakiri bato kubungabunga ibidukikije. Alain-Yves Irankunda yaragendeye ishirahamwe World Vision.

Abato n’abisumbuye barigishwa kubungabunga ibidukikije mu ntara ya Karusi. Reverien Ntamagara,umukozi w’ishirahamwe ry’abagiraneza World Vision yamenyesheje ko kuva mu mwaka wi 2008, iryo shirahamwe rimaze kwigisha abantu bashika 53000. Amashirahamwe y’urwaruka ntashirwa inyuma. Ayababa 800 yarigishijwe gutera ibigoti n’uburyo bwo kubikingira nk’uko tubibwirwa na Reverien Ntamagara. Uwitanze mu bikorwa vyo guca imikobeko yarashimiwe mu guhabwa imbuto z’ibiti bikingira isi. Akarorero ka mbere ni Recena na Sephacerata. Akagira kabiri ni Cetaria nk’uko uwujejwe uburimyi n’ubworozi muri Word Vision Karusi, Reverien Ntamagara atuyagira.

Imbuto z’ibiti bikingira isi ndimwa inkukura zitangwa ku buntu. Tribsacum na Kaliandra ziza imbere kubw’itohoza twagize ku mutumba Rwimbogo. Amakomite afasha mu gikorwa c’ugucungera ko impanuro z’ibidukikije zikurikizwa yarashinzwe.Ayo nayo tuyasanga mu mitumba no mu ma komine. Igituma isi yaga biva kw’igwirirana ry’abantu. Reverien Ntamagara ajejwe uburimyi n’ubworozi mw’ishirahamwe Word Vision Karusi abisigura avuga ati:

“Urabona kuri ba sokuru uburinganire igihugu cari gifise ico gihe n’ubu buracari bwa bundi, tukaba twari umuriyoni umwe gusa w’abanyagihugu. Ubu tugeze ku miriyoni umunani, bigatuma nk’umuvyeyi afise abana batanu, umwana wiwe nawe avyaye batanu, uzosanga mu myaka mirongo ibiri Uburundi butazoba bugishobora kurera abo bwibarutse”

Ishirahamwe Word Vision riratanga inka mu miryango. Focas Nizeyimana wo ku mutumba Rwimbogo, impfuvyi, areze batoyi biwe batatu, yarahawe inka, nk’uko twabitohoje. Inkurikizi n’iyongerekana ry’umwavu.Ivyo bikava kuko uwuyihawe yumvishwa ko ategerezwa kuyigaburirira muhira kubwa Reverien Ntamagara. Umwimbu mwiza uca ukurikira. Claver Ndayishimiye wo ku musozi Canzikiro avuga ko amase y’inka yari yahawe itarapfa, yatuma asarura ibitari bike. Kukaba nkako ibiharage canke ibigori biterwa ahasasiye ku bw’uwo muyabaga. Vyongeye indimo zirakaka. Twarabonye ko ibitoke bitotahaye i muhira aho aba na batoyi biwe batatu. Uwahawe igitungwa kigapfa arongerwa ikindi. Ivyo bishoboka mu gihe yerekanye ko yafashe neza igitungwa yahorana nk’uko Reverien Ntamagara ajejwe uburimyi n’ubworozi mw’ishirahamwe Word Vision abivuga.

Twobamenyesha ko uwugize imana igitungwa ciwe kikavyara aca aha uwundi ataco afise.Inkurikizi inzara iragabanuka. Reverien Ntamagara avuga ko ikigoyi cacureshe kubera uburimyi bwifashe neza. Ugukingira ibidukikije birafise akamaro. Uwukiri muto Claver Ndayishimiye niwe abitwiganira:

“Birafise akamaro kuko nk’ahahora hatemba imvura nyinshi ubu nta mvura igishoka ihakushumura….ico tuhungukira, n’uko uhashize akavu kagumaho hama waharima hakamera….Ibi biti bimaze imyaka mikeya ariko twiteze ko bizogira akamaro mu misi ir’imbere, ni vyamara gukura. Ubu biduga neza, birakinga n’umuyaga ukagabanuka hanyuma mu misi iza tuzoshobora kubikuramwo imbaho zo gukoresha mu kwubaka amazu, twongere tuze turanabicana.”

Ukurabwa kenshi n’abaremeshakiyago ni akamo gaterwa n’urwaruka.

XS
SM
MD
LG